Inkino

Intumwa zidasanzwe za FIFA zashitse ku kibuga Intwari.

Kuruyu wa gatatu igenekerezo 01 Ntwarante inyuma y’umutanga, niho hashika intumwa zidasanzwe za FIFA zirimwo Davis NDAYISENGA arongoye ibiro biserukira FIFA muri kano karere hamwe na benjamin VEENBRINK umuhinga wa FIFA muvyo inyubako bagize urugendo ahariko hubakwa ikibuga citiriwe Intwari mu ntumbero yo kuraba aho ibikorwa bigeze kugira ikibuga kizobe gikwije ibisabwa n’ amategeko mpunzamakungu, bakazomara imisi 3. bakiriwe n’ icegera ca kabiri c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu burundi FFB, Moustapha SAMUGABO.

Mu masaha y’imbere y’umutanga, Davis Ndayisenga yabonanye n’abaserukira intwaro mu biro vy’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kubijamye numugambi w’iterambere muco bise FIFA FORWARD 3.0

Ivyo bishitse mu gihe iyo nyubakwa yataguye kwubakwa igenekerezo rya 1 Gitugutu 2022, ikazokwakira abantu bari hagati y’ibihumbi 15 na 18.

Related posts

FFB: Urutonde rushasha rw’abakinyi nserukiragihugu.

Buja Media

Hansi Flick amenyereza wa FC Barcelone ntiyipfuza ko Messi agaruka muruyo murwi.

Buja Media

Uburundi bwatwaye Zone 5 mw’ihiganwa rya Beach Volleyball.

Buja Media

Leave a Comment