Umutekano

Ngozi: Abagendesha ama Pikipiki na Tuktuk bagiye gukora amasaha 24 kuri 24.

Mu ntara ya Ngozi abagendesha ama pikipiki na tuktuk baremerewe gukora amasaha 24 kuri 24 mu gihe bakora gushika isaha zibiri z’ ijoro ivyo vyashikirijwe mu nama y’abajejwe intwaro muriyo ntara bagiranye kuri uwa kabiri igenekerezo rya 14 ntwarante 2023 kumvo zuko bagiye gufashanya n’ abajejwe umutekano gutuza hamwe abasuma bikika ijoro.

Abatwara ivyuma bica amahera mu ntara ya Ngozi, igihe bari mu nama.

Abagendesha ivyo vyuma vyo guca amahera bakorera mu ntara ya ngozi barashimishijwe niyo ngingo kuko izogirira akamaro kenshi ku imiryano yabo. Emmanuel Ntaconsanze buramatari wiyo ntara yatanze ikiringo c’ ukwezi gusa kugira barabire hamwe yuko ubusuma buba mw’ijoro bwotuzwa burundu.

Claude Bochu, aserukira ishirahamwe rya Buraya mu Burundi.

Mu kiganiro ikinyamakuru BBC yagiranye na Claude Bochu aserukira ishiramwe rya Buraya mu Burundi ku bibazo bagendesha ivyuma bica amahera ku benegihugu bakorera mu gisagara ca Bujumbura , avuga ko ico kibazo gikwiye intumbero yagutse kandi iraba kure muri kazoza.

Bochu ati: ”Jewe ikimbabaza kuri co kibazo co kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, ni ukuba ata ntumbero ihari, nta na hamwe mbona ko hari ukuraba kure muri kazoza ku bikenewe mu bijanye no kwiyunguruza muri ico gisagara”.

”Jewe ico mbona ni uko hoba ukuvugana n’ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu kugira tumenye ico abategetsi b’ Uburundi babona nka kazoza ko kwiyunguruza muri iki gihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Nibaza ko hoba intumbero yagutse kuko sinibaza ko ico kibazo gikwiye gutorerwa inyishu umuntu afatiye ku ruhande rw’umutekano gusa’’ .

Uwo aserukira ishirahamwe rya Buraya risanzwe rifashanya n’ Uburundi mu migambi itandukanye y’iterambere avuga ko ikibazo co kwiyunguruza kijana n’ ibindi nk’ ivy’imyuka yisuka mu kirere n’ imibereho y’ abantu. Avuga ko ishirahamwe aserukira ryitegururiye gufasha reta y’Uburundi gutora inyishu zirama kuri ico kibazo.

 

 

 

 

 

 

 

 

Related posts

Ndahabonyimana Nicodème yarahagaritswe gutwara komine Mabayi.

Yvan Manager

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Yvan Manager

“Mu ndwi 2 izo mpunzu bazobe bazisubije” Col. Floribert Biyereke

Yvan Manager

Leave a Comment