Umutekano

BURUNDI: Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza n’isibe, ku ncuro ya 14.


Général de Brigade de Pol Anicet NIBARUTA, Umuyobozi Mukuru ajejwe kurwanya ibiza n’isibe

 

Général de Brigade de Pol Anicet NIBARUTA, umuyobozi mukuru ajejwe kurwanya ibiza n’isibe akaba yamenyesheje ko guhimbaza uwo munsi mpuzamakungu ari akaryo keza ko kumenyekanisha ivyo ico gisata gikora mu gukingira abantu hamwe n’ivyabo mu gihe c’ibiza ndetse no gukingira ibidukikije.

Uwo arongoye gukinga ibiza, amenyesha ko iruhande yo guhangana n’imiriro y’ivyaduka, gutabara amasanganya yo mw’ibarabara, ico gisata gifadikanije n’amashirahamwe nka OXFAM, uruzi Kajeke rwarasubijwe mu nda yarwo mu gihe rwama rusesa rukuzura Imva z’abitavye Imana bashinguwe ku Mpanda, ico gisata gikoranye n’ishirahamwe OIM casanuye Ikimanga cari giteye ubwoba muri Gasekebuye.

Nk’ uko Anicet NIBARUTA abandanya abivuga, no mu ntara ya Rumonge naho nyene ico gisata co gukinga ibiza n’isibe cazibiye ikimanga c’amazi cagira gisambure ishure rya ECOFO Mugomera kubera imvura yari yabaye nyinshi,Ubu abana bariga iryo Shure rirakingiwe ndetse ivyo bikorwa ngo vyarabandanirije no mu ntara ya Rutana hamwe no mu ntara ya Gitega ,aho bariko basanura ikinogo muri quartier Mushasha hamwe no muri karatiye swahili aho haheze ukwezi bariko basubiramwo ikimanga cari giteye umutima uhagaze.

Uwo arongoye ibiza agatera akamo ubushikiranganji bw’inyubako gusubiramwo ingene bategura ahantu ho kubaka bita viabilisation ngo kuko abantu bubaka nabi kubera atabikorwa vyo kuhatunganya vyabaye . Rero ngo abantu usanga bariko barahura n’imyuzurira, nkuko vyabaye mu Gatumba kubera abantu bapfuye kuhubaka ubu rero baguma bahura n’iyo ngorane y’imyuzurira.

 

Related posts

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke inkozi z’ikibi.

Yvan Manager

Kamenge: 3 bakomeretse mw’isanganya ry’umuriro wadutse ahadandarizwa i Matera..

Yvan Manager

“Mu ndwi 2 izo mpunzu bazobe bazisubije” Col. Floribert Biyereke

Yvan Manager

Leave a Comment