IbigezwehoInkino

Afrika: Paul Kagame na Mohamed VI bahawe agashimwe nkaba Prezida bitayeho cane inkino.

Ku mugoroba wo kuwa 14 Ntwarante, Umukuru w’ Igihugu c’ Urwanda Paul Kagame na Mohamed VI Umwami wo mu gihugu ca Maroc, barahawe agashimwe nk’ abakoze ibikorwa vy’iterambere m’umupira w’ amaguru muri afrika mu birori vyabereye mu gisagara ca Kigali mu rukurikirane rw’ ibikorwa vy’ inama igira ya 73 ya FIFA izobera mu Rwanda ku wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante 2023 muri BK Arena.

 Chakib Benmoussa(Maroc), Dr Patrice Motsepe (CAF), Paul Kagame (RWANDA), Gianni Infantino(FIFA).

Ivyo birori vyateguwe n’ ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kurwego rwa Afrika, vyitabwe na Gianni Infantino umuyobozi w’ ishirahamwe ry’umupira wa maguru kw’isi yose,  Umukuru w’ Igihugu C’Urwanda Paul Kagame n’ uwaserukiye Umwami wa Maroc. Abo bakuru b’ ibihugu 2 bari bahaye agashimwe bita mu ncongereza (CAF President’s Outstanding Achievement Award 2022).

Paul Kagame,Umukuru w’ Iguhugu c’ Urwanda.

Paul Kagame inyuma yo kuronka ako gashimwe ati: ”Urwanda rufise kahise kenshi kandi twayakuyemwo icirwa, kimwe mu bintu vyadufashije gusohoka muri ivyo bibazo harimwo umupira w’amaguru. Afrika ifise ingabirano, ivyo nta kubikekeranya. Ariko abakinyi bacu beza ntibari bakwiye igihe cose kurondera kuja  kuja hanze ngo baharonderere ubuzima bakoresheje ingabire zabo, tugomba gukora ibishoboka vyose, ngo ivyo baja kurondera hanze natwe tube tubifise”.

Gianni Infantino atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’ isi (FIFA).

Gianni Infantino atwara Fifa ati : “Turi hano tunezerezwe n’ abantu babiri, bakoze ibikorwa bidasanzwe mu mupira w’ amaguru muri afrika yose. Nk’uko tubizi umupira w’ amaguru ni ikintu c’akamaro mu buzima, bakoze ibikorwa bidasanzwe mu buzima bwa Miliyoni na Miliyoni z’aba kwi isi yose”.

 Chakib Benmoussa(Maroc), yaserukiye Umwami wa Maroc.

Harabonetsemwo abahoze arabakinyi ba kera nk’abamwe mu bihangange mu mupira w’amaguru bitavye ivyo birori, umunya-Ghana Asamoah Gyan, umunya-Senegal Khalilou Fadiga, Herita Ilunga wo muri RDC, umunya Cameroun Pierre Webo, Lucas Radebe wahoze ari kapiteni wa Afurika y’Epfo, umunya-Ghana Kwadwo Asamoah.

Kuruhande rw’abagore, Gaelle Enganamouit wakiniye ikipe y’igihugu y’abagore ya Cameroun, abanya-Afurika y’Epfo Portia Modise na Amanda Dlamini n’umunya-Nigeria Perpetua Nkwocha.

 

 

 

 

 

 

 

 

 

 

Related posts

PSG, ibandanya yitwara nabi muri Ligue des champions.

Yvan Manager

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

Leave a Comment