Umutekano

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke inkozi z’ikibi.

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke ku nkozi y’ikibi aho iri hose Gervais Ndirakobuca kuri uyu wa 22 Myandagaro 2023 yatunganije inama y’umutekano arikumwe n’abajejwe intwaro,abakora mu bisata bitandukanye muriyo ntara yabereye ku kibuga kiri muri paruwase Mabayi yo mu ntara ya Cibitoke. Yasavye abakorera bose mu gisata co gutwara abantu n’ibintu harimwo abagendesha amamoto gushiraho umurwi w’umutekano kugira nibabona ikintu cotera amakenga umutekano bagushikirize ababijejwe. 

Abenegihugu bo mu ntara ya Cibitoke.

Muri iyo nama Gervais Ndirakobuca ngo yayigirishije mu ntumbero yo guhamagarira abenegihugu kuza baradoma urutoke ku bantu bose bakorana canke bafasha inkozi z’ikibi. Umushikiranganji wa mbere akaba yagiriyeko asaba ko bokwirinda cane cane gukorana n’ abagizi ba nabi nayo ngo uwo babonye bakamurega. Izo nkozi z’ikibi Gervais Ndirakubuca avuga ni cane cane abahungabanya amahoro n’umutekano.Gervais Ndirakobuca yasize asavye ko bokurwa mu mabanga abatwara bose amazone, imitumba bataje muriyo nama y’umutekano kubera basanze nabonyene hari abakorana niyo mirwi ikorera ibitero mw’ishamba ry’ikibira.

Ivyo abishikirije mu gihe muri iyo ntara ya Cibitoke yagendeye, uwurongoye urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi muri komine imwe yarashwe n’ abagizi ba nabi batashoboye kumenyekana agaca yitaba Imana.

Related posts

Abasitanteri 3 bahagaritswe mu mabanga.

Yvan Manager

Kamenge: 3 bakomeretse mw’isanganya ry’umuriro wadutse ahadandarizwa i Matera..

Yvan Manager

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Yvan Manager

Leave a Comment