IbigezwehoMumahanga

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

”Ndashimiye cane Umukuru w’ Igihugu William Ruto, n’ icegera ciwe Rigathi Gachangua kubona banyizeye bazeza amabanaga yo kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’itwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino, tutibagiye uburongozi bwose umugambwe UDC bakoze kugira bashobore kumpa aya mabanga yo gukorera igihugu. Kw’ izina ryaba Starehe turabishimye ko mwatwizeye kugira tubakorere no kubahumuriza yuko tuzobakorera neza. Mwarahezagiwe cane”. Umuririmvyi Jaguar

Itegeko rigena umuririmvyi Jaguar wo mu gihugu ca Kenya.

Ubutumwa bwo gushima umuririmvyi Jaguar  yanditse inyuma y’ amasaha bahejeje ku mugena kuzoba umunyamabanga ashinzwe ivy’itwaro mu bushikiranganji bw’ urwaruka n’ inkino mu gihugu ca Kenya.

Umuririmvyi Jaguar ariko avugana n’ Umukuru w’ Igihugu ca kenya uyu musi.

Amazina yiwe yose yitwa umushingamateka Njagua, Charles Kanyi, yize ibijanye n’ amahoro no gutorera inyishu amatati muri kaminuza imwe muziri muri Kenya (Mt Kenya University). Jaguar yarabonetse cane mu guteramisha abantu mu gihe Umukuru w’ Igihugu William ruto uyu musi ari kubutegetsi yariko ariyamamaza. Ivyo biruko mugihe jaguar mu 2017 yigeze kuba umushigamateka mu mugambwe JP aserukiye agace ka Starehe, yaramaze imyaka 2 (2015 gushika 2017) yarabaye umuyobozi mw’ isekeza ryo kurwanya ibiyayura mutwe vyerekana yuko atari mushasha mu mabanga afata ingingo

Related posts

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Yvan Manager

NIJERI: Abasirikare 17 bapfuye mu gitero c’Abajihadiste.

Yvan Manager

Leave a Comment