ImyidagaduroMumahanga

TMC Burundi: “Twazanye Jaguar wo muri Kenya kugira twerekane ishusho ryiza ry’ Uburundi”.

Ishirahamwe rijejwe gutunganya ibikorwa vy’ aba mukerarungendo no gutunganya ibirori (TMC Burundi) mu ntumbero yo kwerekana ishusho ryiza ry’ Uburundi bateguye igiteramo kizoba kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ntwarantwe 2023 kuri Miki Lounge Bar yo kw’ ishure ry’ isumbuye ry’ ikiyaga Tanganyika  isaha cumi na zibiri(18h). Umuririmvyi Jaguar yamaze gushika mu Burundi azoba ari kumwe n’ abandi baririmvyo bo ngaha iwacu nka Doctor Claude,Kigingi n’ abandi.

Agishika ku kibuga c’indege, Jaguar yakiriwe n’ abantu benshi bafise ivyapa bimuha ikaze mu gihugu muvyo yabwiye Buja FM ngo nuko umuziki mwiza widandaza yavuze ati:  “Umuziki mwiza ntushobora kuwuzibira kuko wonyene uridandaza, kuba abarundi banyizeye ku ncuro igira kabiri n’ uko ndabaha umuziki mwiza, ni nka kurya Kidumu Kibido yirigwa arakora ibiteramo bitandukanye mu gihugu ca Kenya kuko akora umuziki mwiza”.

Ishirahamwe TMC Burundi ryateguye ico giteramo.

Yavuniye akagohe ukuntu abaririmvyi b’ abarundi ukuntu bokwiteza imbere mu buryo bakura mu muziki yabahanuye avuga kariko nawe yabikoze “Ico noterera abaririmvyi b’ abarundi n’ uko bomenya ingene amahera bakura mu muziki bayakoresha, bofata makeya bakaza bariyungunganya bakora iyindi migambi itandukanye iruhande,  ayasigaye  nayo bakayasubiza mu muziki. Nanje nico catumye ntera imbere”.

Umurwi uhurikiyemwo urwaruka bazi gucapa bamuhaye ifoto, uruhande rumwe ruriko igikoko jaguar.

Umuririmvyi Jaguar yemereye kuzoryohera abarundi kurusha ibiteramo vyose yigeze kugira ngaha mu Burundi.

Steve Niyongabo Umuyobozi Mukuru w’ ishirahamwe TMC Burundi

Steve Niyongabo Umuyobozi Mukuru w’ ishirahamwe TMC Burundi, yabwiye Buja FM ko yateguye ico giteramo ko biri mu migambi ya reta mvyeyi reta nkozi yo guha akazi urwaruka narirya abaheza amashure ari benshi, ko bamuzanye kugira barwize imigenderanire myiza bafitaniye n’igihugu Kenya mu mico n’ akaranga.

 

 

 

 

 

 

Related posts

Bujumbura: Hateguwe ibiteramo vyo kwibuka Bob Marley.

Yvan Manager

Umwami w’Ubwongereza yemanze amabi bakoreye Kenya mugihe c’ubukoroni.

Yvan Manager

Uganda: Abishe bamukerarugendo 2 bagiye gukurikiranwa bikomeye.

Yvan Manager

Leave a Comment