IbigezwehoImyidagaduro

B-FACE yahishuye ko agiye gukora ubukwe vuba bidatevye

Amahirwe ni meshi ko umuririmvyi w’umurundi yamenyekanye cane mumudiho wa ‘Rap’ na ‘Dancehall’, Igirukwishaka Boniface azwi nka B-Face agiye gushinga urugo inyuma yo kwishirira hanae ubwiwe amasanamu y’umwigeme atashimye kwerekana isura!

B-Face akunze kwiyita On the flow, Rap Yuda n’ayandi amazina meshi mundirimbo, abicishije k’urubuga rwiwe akoresha rwa Instagram yagize ati: “vyari indoto none birabaye amasezerano, ubu vyavuye mukwibaza bibaye ubuziraherezo. Uyu musi turatanguye urugendo rw’ivyiza turikumwe. Intwengo nziza yawe, umutima mwizavwawe, ibihe vyiza twamaranye none birarangiye uravuze EGO”

Naho atashimye gushira ahabona amasanamu y’umwigeme yarafukamiye birya bizwi nko ‘gutera ivi’, ibimenyetso vyishi vyerekana ko ari uwitwa “Inabeza Adda Nevine” narirya B-Face ubwiwe asanzwe amukurikirana k’urubuga rwa Instagram.

Mugihe hari impungenge nyishi ko amasanamu yerekanywe yoba ari ayo mundirimbo nshasha uwo muririmvyi  buca ashira hanze, Amasohoko yacu avuga ko ubukwe nyezina butegekanijwe mumpera za Mukakaro 2026 mugihe atacohinduka.

Kwirikira amasanamu

Related posts

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bw’Urwanda.

Buja Media

Amabuye y’agaciro mashasha ”Titane” bayeretse Umukuru w’Igihugu.

Buja Media

Kenya:Umuririmvyi Jaguar bamugenye kuba umunyamabanga ashinzwe ivy’intwaro mu bushikiranganji bw’urwaruka n’inkino.

Buja Media

Leave a Comment