IbigezwehoImyidagaduro

B-FACE yahishuye ko agiye gukora ubukwe vuba bidatevye

Amahirwe ni meshi ko umuririmvyi w’umurundi yamenyekanye cane mumudiho wa ‘Rap’ na ‘Dancehall’, Igirukwishaka Boniface azwi nka B-Face agiye gushinga urugo inyuma yo kwishirira hanae ubwiwe amasanamu y’umwigeme atashimye kwerekana isura!

B-Face akunze kwiyita On the flow, Rap Yuda n’ayandi amazina meshi mundirimbo, abicishije k’urubuga rwiwe akoresha rwa Instagram yagize ati: “vyari indoto none birabaye amasezerano, ubu vyavuye mukwibaza bibaye ubuziraherezo. Uyu musi turatanguye urugendo rw’ivyiza turikumwe. Intwengo nziza yawe, umutima mwizavwawe, ibihe vyiza twamaranye none birarangiye uravuze EGO”

Naho atashimye gushira ahabona amasanamu y’umwigeme yarafukamiye birya bizwi nko ‘gutera ivi’, ibimenyetso vyishi vyerekana ko ari uwitwa “Inabeza Adda Nevine” narirya B-Face ubwiwe asanzwe amukurikirana k’urubuga rwa Instagram.

Mugihe hari impungenge nyishi ko amasanamu yerekanywe yoba ari ayo mundirimbo nshasha uwo muririmvyi  buca ashira hanze, Amasohoko yacu avuga ko ubukwe nyezina butegekanijwe mumpera za Mukakaro 2026 mugihe atacohinduka.

Kwirikira amasanamu

Related posts

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Buja Media

Festival Canal Comedy Buja 2023: Canal+ igiye kwerekana abarundi bazi gutwenza.

Buja Media

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Buja Media

Leave a Comment