Ibigezweho

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Abanyagihugu bafise amatongo muri komine Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara. Ni akamo baterwa n’umushikiranganji ajwejwe inyubako. Dieudonné Dukundane amenyesha ko mu bibanza bifise uburinganire bwa « are » munsi ya cumi, bategerezwa kwubaka inzu igeretse n’imiburiburi kabiri. Ibifise izirenga cumi nabo bakubaka n’imiburiburi inzu igeretse kane.
Ku bwiwe, ingingo ya 69 y’iryo tegeko ivuga ko mu gihe igihugu kibonye ko igice c’igisagara canke igisagara cotunganywa gushasha, beneho bararonka umuzibukiro. N’igihe nyene itongo atabishatse canke atabishoboye arahabwa amafaranga ajanye n’ivyo bubatse. Hagati aho, avuga ko kitabuza ko abatabishoboye baja hamwe bakubaka ibijanye n’iyo igihugu kiriko kiraja.
May be an image of 3 people and text

Umushikiranganji yabishikirije yisuze itegeko rigenga ibisagara ryo mu mwaka wa 2011 aho rivuga ko uwufise ikibanza gipima ares ziri munsi ya 10 yubaka inzu igeretse ko kabiri mu gihe uwurenza ares 10 yubaka iyigertseko 4.

Umushikiranganji Dukundane yabishikirije, ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Ni inyuma y’urugendo yagize mu gisagara ca Bujumbura kuraba ibibanza bidatunganije neza.

Related posts

Liliane Nshimirimana, umunyamabanga nshingwabikorwa mushasha mu kigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi.

Yvan Manager

LUMITEL WOMEN’S LEAGUE: Fofila PF 20-0 RainBow.

Buja Media

Yasibijwe ku kanyuma ariko Ingoma yiwe irurira indenge.

Yvan Manager

Leave a Comment