Imyidagaduro

Dream House: Ishimwe Jassiela Tonia, yatahukanye I Phone 7+

Ishimwe Jassiela Tonia, yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ ihiganwa bise ‘’B’ umwamikazi na Dream House’’ ku ncuro yayo igira 3 bayitegura, Jassiela umugambi wiwe wakunzwe n’abagera 2785 (j’aime), abagize ico bayivugako ni 1351(Commentaire) hamwe n’abayisangije abandi 543(Partage), bamuhaye akaganuke ka terephone ngendanwa iri mu bwoko bwa I phone 7+.

Mu ntumbero yo gusangira umusi mpunzamakungu wahariwe agateka k’ abakenyezi, ishirahamwe Dream House ikora ivy’ urudandazwa rw’ ibikoresho ‘’Electronic’’, kugira bifadikanye n’isi yose cane cane abakobwa n’abakenyezi bo ngaha mu gihugu cacu. Iryo higanwa, basaba kwandika umugambi mwiza wokoresha hamwe bishitse ugahabwa amahirwe yo gutahukana ngendanwa.

Uko bagiye barakurikirana:

 

-Chanceline Nishimwe, ari mu kibanza ca kabiri, umugambi wiwe wakunzwe n’abagera 2558.

-Ines Theodore niwe yarafise ifoto yashoboye kuryohera benshi barayikunda; kubashika ibihumbi 150, mu kibanza ca gatatu.

Uwatowe kubera umugambi mwiza yanditse, nuwo mu gihugu hagati mu ntara ya Bubanza, Lionetti Lassage Irankamiye. Yipfuza kuzogira ubushakashatsi bujanye n’ugutorera inyishu ibibazo vy’abakobwa babarundi barimwo n’ibindi bisa nivyo.

 

Related posts

Miss Burundi 2023: Abakobwa 11 bamaze kumenyekana bazobandanya mu gice ca nyuma.

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Ndirabika Augustin imboneza ku baririmvyi buno munsi.

Yvan Manager

Leave a Comment