ImyidagaduroMuburundi

Divine Light yashize ahabona indirimbo nshasha yise “Ni Mwema”

“Ni Mwema” n’ indirimbo nshasha y’ umuririmvyi Divine, yamenyesheje ko afise intumbero yo gufata akarere arico gituma yaririmvye mu giswahiri, kandi ngo agiye gukorera Média tours hanze y’igihugu cane cane muri kano karere. Divine Light m umyaka ibiri indirimbo ziwe zarakozeko abantu benshi mu butumwa yashikiriza, kuriwe yipfuza ko ijwi n’ubutumwa bwiwe bwoba bwamaze gufata imitima abantu bagahindukirira Imana bimuciyeko.

Nkuko yabishikirije aho yari umutumire mu kiganiro Hit Connexion gica kw’insamirizi ya Buja FM, Divine Light asengera mwisengero Holy Center kandi ngo ntarota avayo, muga ngo abandi bokwipfuza kumukoresha mu bikorwa vyo guhimbaza barahawe ikaze, biciye murico kiganiro yaronse akaryo ko kuvuza guitare ngo ninaco gicurarangisho akunda gusumba ibindi ariko ngo ubu asanzwe avuza n’ibindi nka piano !

Divine Light asanzwe aririmba indirimbo mpimbazamana, amazina yiwe y’ukuri NINZIZA Divine.

Related posts

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Buja Media

BS Dynamik wa myuma watsinze Vision FC wari mu kibanza ca mbere kundwi igira 10.

Buja Media

CECAAF2026: Uburundi na Kenya barusha ibindi bihugu amanota.

Buja Media

Leave a Comment