ImyidagaduroMuburundi

Divine Light yashize ahabona indirimbo nshasha yise “Ni Mwema”

“Ni Mwema” n’ indirimbo nshasha y’ umuririmvyi Divine, yamenyesheje ko afise intumbero yo gufata akarere arico gituma yaririmvye mu giswahiri, kandi ngo agiye gukorera Média tours hanze y’igihugu cane cane muri kano karere. Divine Light m umyaka ibiri indirimbo ziwe zarakozeko abantu benshi mu butumwa yashikiriza, kuriwe yipfuza ko ijwi n’ubutumwa bwiwe bwoba bwamaze gufata imitima abantu bagahindukirira Imana bimuciyeko.

Nkuko yabishikirije aho yari umutumire mu kiganiro Hit Connexion gica kw’insamirizi ya Buja FM, Divine Light asengera mwisengero Holy Center kandi ngo ntarota avayo, muga ngo abandi bokwipfuza kumukoresha mu bikorwa vyo guhimbaza barahawe ikaze, biciye murico kiganiro yaronse akaryo ko kuvuza guitare ngo ninaco gicurarangisho akunda gusumba ibindi ariko ngo ubu asanzwe avuza n’ibindi nka piano !

Divine Light asanzwe aririmba indirimbo mpimbazamana, amazina yiwe y’ukuri NINZIZA Divine.

Related posts

“Festival Canal Comedy Buja 2023” : Iminsi 3 yo gutwenga mu gisagara ca Bujumbura.

Buja Media

“CECAFA Senior Women’s Championship”: Uburundi bwatsinzwe 3-0 na Kenya.

Buja Media

DJ Ira yahawe ubwenegihugu bw’Urwanda.

Buja Media

Leave a Comment