Inkino

PSG, ibandanya yitwara nabi muri Ligue des champions.

Umurwi PSG waraye utakaje amahirwe yo kubandanya mu gice kane ica nyuma c’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) mu gutsindwa (2-0) na Bayern Munich yo mu Budagi, ku kibuga Allianz Arena ni mu gihe mu rukino rwa mbere yari yayitsinzwe (1-0). Neymar ntiyabonetse muri urwo rukino yari yakomeretse.

 Bamwe mu bakurikiranira hagufi uwo murwi, berekana yuko intumbero ya PSG yari ahanini gutwara ico gikombe bafatiye ku bakinyi beza bafise.”Ni umubabaro ukomeye. Nta kundi ni ukuvyemera uko nyene, sinzi nimba ari icigwa twohakura, ariko turacitse intege cane. Iyo twinjiza ubwa mbere, vyari kuba ibindi bintu, ariko vyaratwankiye” Christophe Galtier umumenyereza wa PSG

Kuva 2012 gushika 2016, PSG yagiye iragarukira mu gice ca kane gishira ica nyuma, muri 2017 gushika 2019 mu gice c’umunani gishira ica nyuma, mu 2020 aho bashitse mu rukino rwa nyuma bagatsindwa na Bayern, umwaka 2021 baciye birukana umumenyereza Thomas Tuchel afise ubwenegihugu bw’ubudagi.

Eric Maxim Choupo-Moting, yinjije igitsindo ca mbere ca Bayern yari yarigeze guca muri PSG, igitsindo ca kabiri cinjizwa na Serge Gnabry.Hargreaves yahoze akina hagati muri Bayern ati: “PSG ikwiye gusambura vyose igatangura gushasha. Bafise abakinyi beza kandi bakiri bato batakaje bakinira  kw’isi yose’’.Abantu benshi ntibatahura igituma umurwi wa PSG utsindwa kandi ufise abakinyi beza nka Lionel Messi, Mbape na Neymar.

Lionel Messi ku rukino na Bayern Munich.

Lionel Messi, amaze kwinjiza ibitsindo 29 mu nkino 64 amaze gukinira PSG ariko vyaranse ko afasha uyu murwi gutahukana Champions League. Neymar w’imyaka 31yashitse muri PSG mu 2017, bamuguze ku giciro ca mbere kitari bwigere kibaho kw’isi c’imiriyoni 200 z’amapawundi.Kuva ashitse muri uno murwi yagiye ahura n’ikibazo c’imvune, mbere kuri we uno mwaka ukaba uherutse kurangira imbere y’igihe,azomara ikiringo kiri hagati y’amezi 3 na 4, ihiganwa rikazoba risigaje amezi 2 riragire.

PSG imaze gukoresha umuriyaridi urenga w’amapawundi, kuva igiye mu minwe y’abanya Qatar mu 2012.  Imaze gutwara  ihiganwa ry’Ubufaransa incuro cumi hamwe n’ibikombe 12 vyo mu gihugu.

Related posts

Bamwe mu bakinyi b’Intamba mu Rugamba bamaze gushika muri Cameroun

Yvan Manager

Ihiganwa rya Rallye ryarahagaze inyuma y’urupfu rw’umwe mubakinyi bawo.

Yvan Manager

Badminton : ABAMENYEREZA 10 BATAGUYE IVYIGWA KU RUGERO RWA 1 BWF.

Buja Media

Leave a Comment