Imyidagaduro

Insiguro, inkomoko n’imico y’abantu bafise aya mazina.

Amwe mu mazina y’ibatisimu ari gifaransa abantu benshi usanga bayitwa n’abavyeyi babo kenshi uza gusanga batazi insiguro yayo hamwe n’imico ikunze kuranga abantu bitwa ayo mazina. 

Raba amwe mu mazina  mwifuza kumenya:

Marc mu rurimi rw’ikirundi bavuga Mariko n’izina ry’abahungu rifise inkomoko k’ururimi rw’igitariyano(Italy) riva kw’izina Mars ry’ikigirwamana c’intambara c’abanyeroma. Ba Marc bakunze kurangwa no kugira inguvu nyinshi, bazi gucunga amatungo, barakunda ivyo bakora, bazi kwiha intumbero muvyo bakora kandi muvyo biyemeje baruhuka babashitseko. Mu ncamake abafise aya mazina Marc n’abakozi beza.

Ephraim n’izina ry’abahungu rikomoka mu rurimi rw’igiheburayo risigura  “Utanga umwimbu mwiza” .Ba  Ephraim  bakunze kurangwa no kugira ubumenyi bwinshi butandukanye, baha agaciro ibintu bifise akamaro cane, bakunze kumenyekana, bakorana inguvu n’ugushaka kandi bashira imbere ibikorwa.

Chantal n’izina ry’abakobwa ubusanzwe ryari izina risanzwe ry’umuryango inyuma riza kwinjira mu mazina y’abakirisu. Abitwa Chantal bakunze kurangwa no kuvumbura cane, bama bafise gahunda, iyo biyemeje kugira ico bakora ntibapfa gucika intege, bakora inguvu kuco bakora cose kandi baha abagico ibikorwa ahanini.

Julienne n’izina ry’abakobwa rikomoka k’ururimi rw’ikiratini (Latin)risigura “ Abakomoka k’umuryango wa Lule”. Kenshi ba Julienne bakunze kurangwa no kugira indoto nyinshi, bafise ubuntu bubaranga, bakora ibintu vyose k’umurongo kandi bazi gufata icemezo.

Fred n’izina ry’abakobwa rifise inkomoko ry’ururimi rw’Ikidange risigura:“ Ububasha bw’amahoro”. Abitwa kenshi ayo mazina bakundwa kurangwa no gukunda imiryango yabo, bakora ibintu vyose ku murango ata kavuyeko nta kamwe, bafise ugushaka, baragaza cane, bubahiriza ingingo bafashe.

Brigitte n’izina ry’abahungu rikomoko k’ururimi rw’Igicelte risigura :“ Uwakomotse ku Mana”. Ba Brigitte bakunze kurangwa no kugira ubuntu, nta manyanga bafise ibintu vyose babikora k’umurongo, bafise indoto nyinshi, bagira umutima w’ikigogwe cane kandi kumenya ikibari k’umutima biroroshe kubera ubuntu bubaranga.

Ariane amwe mu mazina y’abakobwa rikomoka mu rurimi rw’Ikigiriki(Grec) risobanura: “ Ikintu gitagatifu”. Abafise ayo mazina kenshi uzosanga barangwa no kumenya gutanga amakuru, bashira imbere ibikorwa kurusha amajambo, bamenyera vuba, bazi gufata ingingo bafashe, berekana ikibari mu mutima kandi vyoroshe.

Kumbure woba ushaka kumenya insiguro y’izina ryawe, andika musi kuri comentaire tuzogusigurira mu makuru yacu yo hanyuma.

Related posts

Marahaba Music Expo ku ncuro igira 5 i Bujumbura.

Yvan Manager

Intelligent le Comédien muri Festival Canal Comedy Buja 2023.

Yvan Manager

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Leave a Comment