Umutekano

Ndahabonyimana Nicodème yarahagaritswe gutwara komine Mabayi.

Ndahabonyimana Nicodème yarahagaritswe muri ayo mabanga yo kurongora komine Mabayi nk’uko biri mw’itegeko nshikiranganji no 530/997 ryo ku wa 10 Myandagaro 2023, ryo mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, Ndahabonyimana Nicodème yahora ari Musitanteri wa Komine Mabayi yo mu ntara ya Cibitoke yarahagaritswe muri ayo mabanga.

Muri urwo rwandiko rwateweko umukono ku wa 10 Myandagaro 2023, ariko Regionweek ikaba yarubonye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Myandagaro 2023, mu ngingo yarwo ya 3, Buramatari w’intara ya Cibitoke akaba yasabwe gushira mu ngiro vyihuta iryo tegeko rihagarika uwo mutegetsi wa Komine Mabayi. Gushika ubu iyo ndongozi ikaba yari imaze imisi ifunzwe iri kumwe n’abandi bagirizwa gukorana n’imihari y’abarwanyi. Iyo ngingo imuhagarika ikaba igiye ahabona inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca agabishije abanyagihugu bo ngaho muri komine Mabayi, abasaba kuvavanura n’imigwi yitwaje ibirwanisho icumbitse mw’ishamba rya Kibila.

Image
Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa mbere yariko agira inama muri Komine Mabayi.

Hakaba hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Myandagaro 2023 mu nama yagirishije abajejwe intwaro, inzego z’umutekano hamwe n’abanyagihugu. Gervais Ndirakobuca yagiriyeko agabisha na bamwe mu bajejwe intwaro n’umutekano boba bari mu bashigikiye iyo mirwi, ko uwuzofatwa azofungwa hisunzwe amategeko.

Related posts

BURUNDI: Umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza n’isibe, ku ncuro ya 14.

Buja Media

Umukuru w’Igihugu yahojeje abahuye n’imvura y’isegenya yahitanye abantu n’ibintu.

Yvan Manager

Umushikiranganji wa mbere yasavye umwenegihugu wese ahari kudoma urutoke inkozi z’ikibi.

Yvan Manager

Leave a Comment