Ibigezweho

RWANDA: Nabifashe nk’inkuru, Tshisekedi yipfuza guhindura ubutegetsi bw’u Rwanda.

Paul Kagame umukuru w’ igihugu c’ Urwanda mu kiganiro yahaye ibimenyeshamakuru vyo murico gihugu ndetse n’ibikorera hanze y’Urwanda uyu musi igenekerezo rya 1 Ntwarante 2023 yuko prezida wa Congo Tshisekedi yariko aratera inkuru, kafise uburenganzira bwo kuvuga amajambo yipfuza, yokwitwararika ibibazo vy’igihudu ciwe akareka kwitwaza yuko Urwanda ariyo nkwezi ntandaro kubibazo vyugarije Congo.

 

PAUL KAGAME prezida w’ Urwanda

“Perezida Macron ni umwe mu bantu benshi Berekanye ugushaka gufasha mu gutorera inyishu ikibazo co mu karere kacu.” Paul Kagame, yishuye ku kibazo c’urugendo Macron azogira vuba mu Rwanda hamwe no muri Congo. “N’ ikibazo ca Congo ariko kikaba nica akarere, bishobora kugira ikibazo ku bihugu bibanyi .Iki kibazo gifise kahise karere, kimaze imyaka irenga 20, ariko iyo ubonye ukuntu abantu bagihagukiriye birabonekako carikuba caratorewe inyishu kera.” Umukuru w’Igihugu c’Urwanda Yagarutse ku nama zidasanzwe zimaze gushaka gutorera inyishu ico kibazo nk’ umuryango uhurikiyemwo ibihugu vya africa, twarakivuganyeko muri kenya, Angola, i New York mu nama ya ONU”. Yavuze ko hari n’igihe barikumwe na Felix Tshisekedi bagomba kuja kubonana  muri Qatar ariko ntivyakunze, bizera yuko bizokunda.

Yavuze ko hashizweho uburyo butandukanye bwo kurandurana n’imizi  iki kibazo co mu burasirazuba bwa Congo harimwo n’ibitatanze umwimbu nk’ingabo ziri mu butumwa bw’umuryango MONUSCO  ariko ko ataco vyakemuye ahubwo vyatumye ibintu bikomera kurusha.

Paul KAGAME “Dufiseyo ingabo zishika mu bihumbi 10 ziri muri Congo zitwako zaje kugarura amahoro, ariko ntidusiba kuvuga ikibazo co kubura amahoro zimazeyo imyaka ishika 20  ariko nubu turacabona ico kibazo.”

Yabandanije  ati “Abantu bari bakwiye kubona ko hari ibitagenda neza, ndetse n’uburyo batanga inyishu bidakora, nta mpamvu yo kubandanya mu nzira nk’izi zitari zo, uramutse uvuze ibinyoma ariko ugatorera inyishu  ikibazo ntaco vyoba bitwaye, ariko tukabona umuti.

 Yavuze ko ikibazo ubwaco ko atari umuhari  wa M23 ubandanya kugarukwako na benshi nyamara uyu muhari ahubwo waragiyeho biturutse ku muzi wico kibazo.

Ati “Abantu benshi bagiye baravuga amajambo menshi ku kibazo ca M23, barabigira vyinshi, bavuga ko ariyo ntango n’iherezo ry’ikibazo, ariko ivyo si vyo namba, ahubwo M23 n’umwimbu w’ikibazo cavuye muri kahise k’abakoloni.

Yavuze ko M23 yavutse igamije kurwanya ivyo bibazo by’akarenganyo  kuri bene wabo b’Abanyekongo b’Abatutsi, baratsinzwe barahungira muri Uganda no mu Rwanda.

Yavuze ko muri Congo hari imihari irwana ishika 120 ariko abavuga bose bakavuga M23 gusa, “ko batwagiriza  M23 ni nde washinze iyindi mihari 120 ivugwa hariya.”

 

Perezida Paul Kagame yavuze ko M23 igiye kuboneka cane mumirwano muriyi myaka 2 iheze, nta ruhara na ruto u Rwanda rwabigizemwo, ariko ko ubutegetsi bwa Congo bwongeye kuvuga kandi ko abo bantu ni Abanyarwanda bagomba gusubira iwabo.

Abo bitwa Abanyarwanda basanzwe ari Abanyekongo bisanze ku butaka bw’iki gihugu ku bwa kahise k’ibihugu twaciyemwo  vyo  bukoloni, birukanwa n’ubutegetsi bwa Congo nyamara hari n’abandi Banyarwanda ba FDLR bahawe ikaze mu burasirazuba bwa Congo bo banasize bakoze Jenoside Yakorewe Abatutsi.

Ati “Ariko abandi ngo bagomba gusubira mu Rwanda. Ivyo ubwavyo ni iyindi nkuru ariko impamvu bakibandanya gufata neza FDLR nuko bifuza kuyubakira hafi yabo nkuko babikoze kuva kera, bubaka umutwe witwaje intwaro wagiye ugaruka ugahungabanya u Rwanda.”

Yavuze ko ubutegetsi bwa Congo bwari bukwiye kuva mu nzira zidafite aho zibaganisha, bakita mu mpamvu umutwe wa M23 wavutse, kigashakirwa umuti na cyo kikaba cyavaho, ariko ko ikibazo cyabaye imiyoborere mibi yagiye iheza bamwe mu Banyekongo.

 

 

Related posts

Jimmy Ndayizeye na Saido Berahino bari mu batoye Messi muri FIFATheBest

Admin

Muso Sugar muri Primus League Burundi.

Buja Media

Uburundi buza imbere mu bwigenge bw’ibinyamakuru mu bihugu vyo muri kano karere.

Yvan Manager

Leave a Comment