Mumahanga

RDC : BASABA UMUKURU W’IGIHUGU GUSHIRA IMBERE IBIGANIRO

Abashingamateka 17 bo mu buraruko bwa Kivu, muri Republika iharanira baraye bandikiye umukuru w’igihugu Félix Antoine Tshisekedi bamusaba bashimitse gutorera umuti ikibazo c’umutekano muke biciye mu nzira y’ibiganiro. Bavuga ko ibintu biriko birushiriza kuba bibi aho intambara ziguma ziba nyinshi, indyane hagati y’amoko, igihugu gikomeza kugira ishusho mbi, kurabana nabi n’ibindi bihugu, ubutunzi buriko buratikira .
Mw’ikete baraye bamurungikiye, bamumenyesha ko bababazwa n’abariko baratakaza ubuzima abandi bagata izabo kubera intambara muri Kivu y’uburaruko , vy’umwihariko mu buseruko bw’igihugu. Abo batowe muri Nord_Kivu ikindi ngo babwiye Perezida ko kibahangayikishije, ni imigenderanire n’ibihugu basangiye akarere iguma itosekara n’aho abatari bake bariko barafasha mu gutora inyishu.
Abo bashingamateka basavye Antoine Tshisekedi gushira imbere inzira y’ibiganiro hamwe no kwisunga ibiri mu masezerano yavuye mu nama zagiye ziba ahatandukanye zari zigamije gukemura ibibazo biri muri Congo iharanira intwaro rusangi.
Ibindi abo batowe n’abanyagihugu bo mu buraruko bwa Kivu basaba umukuru w’igihugu, ni ukureka gukoresha imvugo isomborotsa ibindi bihugu . Hampande y’ivyo abo bashingamateka basaba ko bohabwa ikibanza mu nzira zose zigamije gutora umuti ku mutekano muke urangwa mu gihugu.
Basavye Antoine Tshisekedi kandi ko hoba ukwiga neza mw’ido n’ido ikibazo c’interahamwe  FDLR na ADF impamvu baguma muri  RDC kugira babasubize mu bihugu vyabo.
Ivyo abo bashingamateka basavye Perezida mubona vyoshika ku inyishi irama ?

Related posts

Sylvia Bongo,umupfasoni w’Umukuru w’Igihugu Ali Bongo yinjiye ibohero r

Yvan Manager

Hiroshi Ichigaya yakoze ikoti yo kwambara ikingira ubushuhe m’ubuyapani.

Yvan Manager

Umugore wa Ali Bongo apfungishijwe ic’amaso

Yvan Manager

Leave a Comment