Inkino

BUMAMURU FC VS FLAMBEAU DU CENTRE NINDE AZOJA MU KIBANZA CA 1?

Ku musi ugira 22, urutonde uko bazohura muri Primus ligue, urukino rudasanzwe rurindiranwe n’abantu benshi ruzoba kuw’Imana ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke imbere y’abarorerezi benshi ba Bumamuru kuko ariyo izokwakira.

Bumamuru bazokina n’ umurwi wa Flambeau, Bumamuru iri mu kibanza ca mbere gushika ubu ukarusha inota rimwe gusa Flambeau du Centre ifise amanota 46. Hamwe Bumamuru FC yotsinda canke ukaganya  na Flambeau du centre, izoca iguma mu kibanza ca mbere ariko igatakaza urwo rukino Flambeau du Centre izoca ifata ikibanza ca mbere ku manota 49 ku ndwi yayo igira 22.

 

Umurwi wa BUMAMURU FC (CIBITOKE)

Urukino ruragoye kuvuga uwuzotsinda kuko turavye mu nkino 5 ziheruka, Bumamuru watsinzemwo inkino (4-1)hatsinda  Aigle Noire ku musi ugira 18.

Umurwi wa Flambeau du Centre (Gitega)

Inkino 5 zindi umurwi wa Flambeau du Centre wazitsinzemwo (4-1) uganya na Musogati ku ndwi ugira 19.

Biragoye kuvuga yuko uyu murwi uzotsinda turabiye ukuntu bakurikirana ku rutonde gushika uyu musi.

 

kubwawe n’iyihe uha amahirwe ugafata ikibanza ca mbere?

 

 

 

Related posts

BURUNDI: Ntibucakiriye Namibia ku kibuga citiriwe Intwari

Buja Media

Intamba mu rugamba zanganije na Indonésie.

Yvan Manager

Francine Niyonsaba nabo barikumwe baterereye imifuko 68, yubaka ikibuga Intwari.

Yvan Manager

Leave a Comment