IbigezwehoInkino

Bumamuru na Flambeau du Centre, urukino rutari rworoshe.

Bumamuru ihejeje kuganya igitsindo 1 ku kindi n’umurwi wa Flambeau du Centre kundwi igira 22 ku kibuga Urunani kiri mu ntara ya Cibitoke, Nahimana Shassir yatsinze igitsindo c’umurwi wa Bumamuru ku munota wa 34. Ku munota wa 94 igitsindo c’umurwi wa Flambeau du Centre catsinzwe na SADIKI Yahya, urwo rukino rwari rwatewe iteka n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca.

Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa Mbere w’Uburundi.

Ku ruhande rwa Bumamuru, igumye mu kibanza ca mbere ku manota 48 mu gihe flambeau du  Centre igumye iyikurikira ku manota 47, hasiga inkino 8. Nahimana Shassir yakwije ibitsindo 14, aganya na Jean Claude Girumugisha akina muri Magara Young Boys.

Umurwi wa Bumamuru, umaze gutsinda inkino 14, utsindwa 2, unganya 6, uzigamye ibitsindo 32 , ku ruhande rwa Flambeau du Centre yo mu ntara ya Gitega, umaze gutsinda inkino 14, utsindwa 3, unganya 4, uzigamye ibitsindo 20.

Uko batsindanye mu ndwi ya 22.

Mwomenya yuko, iyo mirwi Flambeau du Centre yaheruka gutsinda 3 kuri 0 ya Bumamuru ku rukino rwo kundwi 7.

Related posts

Abakunzi b’Intamba bagize ico bavuga inyuma yo gutsindwa na Cameroun.

Yvan Manager

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Buja Media

Ninde azotwara igikombe ca Lumitel Women’s League ?

Yvan Manager

Leave a Comment