Politike

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Ivyo vyavugiwe ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye kuri uyu wa mbere 27/02 , aho yari aganutse avuye mu gihugu ca  Congo_Brazaville , inyuma y’inama yabereye i Kinshasa . Varisito Ndayishimiye yavuze ko ibihugu vya Afrika hageze ko biza biragenderanira mu vy’ubuhinga bikaza birarahuriranira ubumenyi.

Varisito Ndayishimiye atahutse mu gihugu
Ivyo yabivuze afatiye ku mubonano bagiraniye na mugenziwe Dénis Sassou Ngweso arongoye Congo Brazaville, inyuma y’inama ya 22 y’abarongoye amareta n’ibihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afrika yo hagati mu vy’ubutunzi (CEEAC: Communauté Économique des États d’Afrique Centrale) yabereye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo .
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yemeza ko igihugu cose gifise ubumenyi corahurira ibindi. “Hariho ivyo twoza turahanahako ubumenyi” ,niko yavuze.
Mu vyo bumvikanye muri iyo nama, ngo n’uko hojaho umuhora ufatanya ibihugu vyo muri uwo muryango maze imigenderanire itere imbere , uheze unafashe mu vy’ubutunzi.
Muri uko gukamisha imigenderanire, umukuru w’igihugu yavuze ko umushikiranganji w’uburimyi muri Congo Brazzaville agiye kuza mu Burundi kuganira na mugenziwe kugira arahure ubwenge gutyo ngo nabo bareke gusumira hanze kandi bafise isi imera .

Related posts

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu mushasha ninde?

Yvan Manager

Ibintu bikuru bukuru Prezida Varisito Ndayishimiye yakoze muri CUBA mu nama G77..

Yvan Manager

Leave a Comment