Inkino

RÉAL MADRID vs BARCELON: NINDE AFISE MAHIRWE YO GUTSINDA ?

Umurwi wa Réal Madrid na FC Barcelone baraza gutana mu mitwe kuri uyu wa kane 02/02 igihe c’isaha zine z’ijoro (22h) , ku kibuga Santiago Bernabeu . Ni  El Classico , yo mu gikombe c’umwami (Copa Del Rey) mu gice ca 2 gishira icanyuma, urukino isi yose iba ihanze amaso , ikibazo ari “mbega haratsinda nde ?”
Ni urukino rudakinirwa mu kibuga gusa kuko rufise amateka rwisangije : haba mu bafana imitsi iraranda mbere no mu vya politike ( intara ya Catalunya isanzwe isanzwe ivamwo umurwi Barcelone ishaka kwiyonkora ngo yigenge, ive kuri Espagne y’umurwa mukuru Madrid).
Iyo mirwi igiye guhura mu gihe FC Barcelone ari iya mbere mw’ihiganwa rya Espagne La liga igasumvya amanota 7 Réal Madrid ya kabiri. N’ubwo Barcelona ihagaze neza muri La Liga , mu mahiganwa y’inyuma ya Espagne ikurira inkofera mukeba wayo Real Madrid. Barcelone iherutse gusezererwa muri Europa League mu gice ca 16 mu gihe yari igiyeyo kubera vyankiye mu matsinda ya Ligue des Champions.
Mukeba wayo Real Madrid yo mu mahiganwa y’inyuma ya Espagne, n’intare ihunja ishamba. Mu gice c’8 muri UCL iherutse kumaramariza Liverpool ku kibuga cayo mukuyitera 5 kuri 2 .
Mu nkino 5 Réal Madrid iheruka gukina, yatsinze zi 4 urundi irarunganya. Ni mugihe FC Barcelone yatsinze 2 gusa, izindi 2 irazitsindwa maze rumwe iragabura.
Muri classicos 10 ziheruka mu mahiganwa azwi, Réal Madrid yarakandamije Barça : yayitsinze incuro 6 , Barcelone nayo itsinda 3 , urukino 1 baratunganya.
Iyo mirwi y’ibihangange igiye guhura, ifise abamenyereza 2 bafise uburambe bitandukanye : Carlo Anceloti wa Réal Madrid, amaze kumira akabuye k’abagabo amaze gutahukana ibikombe haba mu mahiganwa y’ibihugu (championnats) haba ivyo ku mugabane wa Bulaya kandi umurwi amenyereza amaze kuwugiriramwo ibihe vyiza incuro nyinshi. Ku rundi ruhande, Xavi Hernandez ni umumenyereza akiri muto atarandika izinda muri uwo mwuga ariko ari mu murwi azi neza kandi wamugize ico ari abwirizwa kwitangira kugira nawe aheshe agateka. Naho akiri muto , mu rukino rwa Classico ruheruka yareretse uwo amukurira ko nawe ari mu kazi azi maze aratsinda atwara igikombe iyo nararibonye maze bigarukanira abakunzi ba Barça akanyamuneza batari baherutse .
Ku ruhande rw’abakinyi , Carlo Anceloti aza ku rukina afise ikibazo ca ba myugariro nka : Alaba na Mendy bari mu mvune.
Xavi Hernandez nawe aza kuba abura abasatirizi Lewendoski na Démbélé hamwe n’umukinyi wo hagati Pedri Gonzalez.
Uravye uburemere bw’abo bakinyi bataza kuboneka muri urwo rukino rudasanzwe , abatari babona ko Xavi Hernandez ari we ashobora kutoroherwa . Ariko n’ubwo biri uko bene izo nkino ziba zifise iyindi shusho ku buryo bigora kubona umurwi utsinda. Ivyo biramaze kugaragara aho umurwi ukina Classico uri mu bihe bibi canke ubuze abakinyi benshi bikarangira abantu batangaye. Dufatiye ku mvune z’abakinyi iyo mirwi ifise, Real Madrid iza gukina yiziga imbere , mugihe Barcelona izakuba yiziga ba myugariro.
Icibonekeza n’uko iyo mirwi itsindana, ntikunze kunganya. Mu nkino 10 zizwi ziheruka, banganije 1 gusa.
Ku baraba ibintu n’ibindi, babona ko hamwe umukinyi w’inyuma wa Barcelona Arujo atoshobora kuzibira Vinicius , ata nkeka Réal Madrid itahukana intsinzi.
Ico gikombe c’umwami bagiye guhuriramwo , umurwi wa Barcelona waraciharije kuko umaze kugitwara incuro 33 , mu gihe iyo baza kuba bahanganye imaze kugitwara incuro 19 gusa.
Mbega Xavi araza kwemera gutakaza urukino rugira 3 yikurukiranya ?
Carlo Anceloti we araza kwemera gutakaza Classico 2 zikurikirana ?
Mubona amahirwe yo gutsinda iyi Classico afise nde ?
Inkomoko: Agaseke

Related posts

Urukino rushasha rw’ abagendana ubumuga mu Burundi.

Yvan Manager

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Buja Media

BUMAMURU FC VS FLAMBEAU DU CENTRE NINDE AZOJA MU KIBANZA CA 1?

Buja Media

Leave a Comment