Inkino

Ninde azotwara igikombe ca Lumitel Women’s League ?

Kuri uyu wa gatandatu, ihiganwa ryo ku rwego rw’ igihugu Lumitel Women’s League yarabandanije ku ndwi yayo igira 15, umurwi  Fofila PF unganya amanota n’umugwi wa Buja Queens bose bafise amanota 41 bakarushanya ibitsindo, Rain Bow uri mu kibanza ca nyuma n’ideni ry’ibitsindo 227.

Munkino bakinye kundwi yayo ya 15 imigwi yose yavyifashemwo neza kuko umugwi wa Fofila watsinze umugwi wa Etoiles du Matin ibitsindo bitatu kubusa (3-0),
Nayo umugwi wa buja Queen’s utsinda umugwi wa Rainbow ibitsindo mirongo ibiri kubusa (20-0).
Fofila PF ufise ibitsindo 96 nayo Buja Queen’s ukagira 87 ikinyuranyo c’ibitsindo 9.

Buja Queen’s ukina na Rainbow ku kibuga CTN.

Urukino rwitezwe ko ruzobatandukanya ruzoba kumunsi w’Imana igenekerezo rya 19 Ntwarante 2023 isaha zitatu z’ agatondo (9h00′) kukibuga ca CTN kiri mu Ngagara mu gisagara ca Bujumbura. Uwuzotsinda uwundi niwe azorara mu kibanza ca mbere.
Twobamenyesha ko mw’ihiganwa rikuru rya Lumitel Women’s League bakina inkino 18

Izindi nkino zabaye kundwi ya 15
-Intwarikazi 1-0 Onze Etoile
– PVP Buyenzi 7-0 Les lionnes
-La colombe 3-0 Bon avenir

Umugwi wa mbere ufise amanota 41 n’ibitsindo 96 nayo umugwi wanyuma ufise amanota 0 n’ ideni ry’ ibitsindo 227

Related posts

Bujumbura: Ihiganwa rikuru ry’umupira w’ amaguru.

Buja Media

Badminton : ABAMENYEREZA 10 BATAGUYE IVYIGWA KU RUGERO RWA 1 BWF.

Buja Media

NANI MKHARI 2023: Young Sisters iratahukanye igikombe.

Buja Media

Leave a Comment