IbigezwehoUbutunzi

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Ibanki nkuru y’igihugu c’Uburundi yakuyeho ingingo ivuga yuko ata muntu yemerewe kubitsa canke kubikuza amahera arenga imiriyoni 15 ku munsi n’imiriyoni 100 ku kwezi ni muntumbero yo gutorera inyishu ikibazo cayo mahera aguma ahungabanya ubutunzi bw’igihugu, ivyo bikaba vyavuye mu nama y’uwurongoye iyo banki nkuru yagiranye n’abatwara ayandi ma banki kuruyu wa 28 Ndamukiza 2023.

Itangazo kuri bose, ryanditswe n’ibanki nkuru y’igihugu.

Muriyo nama hafashwe ingingo zikurikira :

-Umuntu ashobora kubitsa canke kubikuza amahera yose yipfuza ata rugero ruhari ivyo bikazosabwa, ni banki izoba imuzi ico akora, mu gihe bazoba bamwiketse harategekanijwe amatohoza azokorwa n’urwego rw’igihugu rukurikiranira ikoreshwa ry’amafaranga “Cellule Nationale des Renseignements Financiers”.

-Ama banki agiye guhabwa uburenganzira bwo kudandaza amahera y’agaciro bakayaha abanwanyi abari bo bose ni mu gihe vyakorwa gusa niyo banki nkuru.

-Mu ntango ibanki nkuru izoshira kw’isoko amahera mvamahanga ashika imiriyoni 70, ivyo bikazotagura igenekerezo rya 4 Rusama uyu mwaka.

-Amabanki yose yahawe uruhusha rwo kugurura y’amazu adandaza amafaranga mvamakungu “Bureau de change”.

-Abazoronka amahera imbere y’abandi n’abari mu gisata c’uburimyi, ibifungurwa, imiti hamwe n’urudandazwa rutoruto.

– Bazoha imiriyoni 10 inzu zose zemerewe n’amategeko, uwuzokwipfuza kugurira ibidandazwa hanze azokwitura ibanki nkuru yonyene gusa.

Kubera izo ngingo zorohereza abazoshaka amahera mvamakungu, ibanki nkuru yaciye ishiraho ingingo mperekeza zizohana abiyumvira gukora ibijanye n’ubusuma bwayo mahera nazo nizi zikurikira:

– Ibanki nkuru igiye kugenzura bidasanzwe ayo mazu azodandaza kubanwanyi bazosaba amahera aharenga hamwe kandi bazoza baratanga icegeranyo kundwi kundwi.

– Kugira uhabwe amahera muri ayo mazu azoyadandaza bazogusaba murekendengane igifise ikiringo, itike y’indege hamwe n’uruhusha rwo kwinjira ahugiye bita visa kandi bazoyaguha hasigaye umusi umwe gusa canke ibiri ngo ufate urugendo. Uwuzofatwa yerekanye impapuro za magendo kugira yibe, azohanwa.

Harabonetse abantu boba bafise agatima k’umugambi wo guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, abajejwe umutekano batandukanye (abakozi b’i perereza, inyamiramabi n’izindi nzego z’igihugu) bagiye guhagurukira ico kibazo kugira uwo wese afise imigambi mibi atuzwe ataco arashikako.

Ivyo biruko ni mugihe ibanki nkuru yari yafashe iyo ngingo inimero  D1/100/2023 yo ku wa 13 Nzero 2023  ibuza kubitsa canke kubikura ayarenga imiriyoni 15 ku musi n’imiriyoni 100 ku kwezi.

Related posts

BBN yugaye ama station 3 yahiritse iminzani kandi acibwa ihadabu incuro 20.

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

Umwiherero Umukuru w’Igihugu yagiranye n’abadandaza bakuru b’isukari.

Yvan Manager

Leave a Comment