IbigezwehoImyidagaduro

Primusic ku ncuro ya 5, iragarutse.

Ihiganwa rya Primusic rigiye gusubira kuba ku ncuro igira 5, ku civugo “Impano yawe niyo mateka yawe” ivyo vyashikirijwe na Bernice Keza ajejwe ikinyobwa ca Primus muri Brarudi. Aho batanguza icese ibikorwa vyo kwiyandikisha ku mugaragaro, yamenyesheje yuko intumbero nyamukuru ariyo guteza imbere urwaruka rufise ingabire yo kuririmba. Uwa mbere azohabwa imiriyoni 30 no guserukira ico kinyobwa umwaka wose.

May be an image of 1 person, flute and text
Bernice Keza ajejwe ikinyobwa Primus.

Abaririmvyi 4 nibo bazoherekeza iryo higanwa aribo Esther Nish , Kirikou A Kili , Double-jay  na  B-face. Kwiyandikisha vyataguye, bakazokwiyandikisha baciye k’urubuga ngurukana bumenyi rwa Facebook  ya Primus canke bakazokwiyandikisha mu ntara aho bazoza gukorera uwo munsi ariko kubantu bafise imyaka 18 n’iyirenga.

Uwozotwara iryo higanwa azoronswa imiriyoni 30 z’amarundi hamwe no guserukira ico kinyobwa umwaka wose, uwa kabiri imiriyoni 15 uwa gatatu azoronka imiriyoni 5. Intara ya mbere bazokoreramwo azoba ari Muyinga igenekerezo rya 07 Ruheshi 2023, igice ca nyuma ciryo higanwa kikazobera mu ntara ya Gitega igenekerezo rya 30 Mukakaro 2023.

May be an image of 5 people and text
Kirikou A Kili, Double-jay bazoherekeza Primusic.
May be an image of 3 people, television and text that says 'AY KIRIKOU DOUBLE JAY KIRIKOU PRIMUSIC'
B-face.
May be an image of 4 people and text
Umuririvyikazi Esther Nish.

Ivyo bishitse ni mu gihe iryo higanwa ryataguye mu 2012 ritahukanwa n’umuririmvyi Rally Joe, Patient Matabaro mu 2013, ku ncuro ya 3 itwarwa na Christian Ninteretse mu 2014 ariko rikaba ryaheruka kuba mu 2019 aho ryatahukanywe n’umwigeme Tetero Laurette ahabwa imiriyoni 25 z’amarundi, yarafise ico gihe imyaka 19.

 

Related posts

Dream House: Abazotigira bagatsinda ku rukino rwa Manchester city na Inter bazoronka ubushimwe.

Yvan Manager

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Yvan Manager

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Yvan Manager

Leave a Comment