Imyidagaduro

Khadja Nin ninde, yatanguye gute ubuzima bwo kuririmba?

Khadja Nin yavukiye mu gihugu c’ Uburundi mu ntara ya Gitega, igenekerezo rya 27 Ruheshi 1959 aho yakuze nk’abandi bana bose mu buzima busanzwe. Umuhererezi mubana 8 ariko se wiwe yari umuntu akomeye mu gihugu(Diplomate). Khadja Nin kuva mu buto bwiwe afise imyaka 7 yari mu murwi w’abaririmba indirimbo zihayagiza Imana (Chorale) yo mw’ishengero ariko ivyo vyari nko guta umwanya kuriwe, kuko ivyo kuzoba umuririmvyikazi akomeye vyari kure nk’ukwezi mugabo kubera yakunda kumviriza insamirizi.  Yarakunda kumviriza akenshi indirimbo zo mur’ico gihe nkiza ba James Brown na Manu Dibango, umuririmvyikazi yamushika k’unyota kuruta abandi yari Myriam Makeba.

Niho yaca atangura gushaka kuririmba nk’uwo mwamikazi w’umuziki w’Afrika, ntiyabona ukuntu izo ndoto ziwe yozishikako. Igihe y’injira m’umwuga wo kuririmba bose bamubona nk’umuntu ataco amaze mu kibano, yagumye mu gitutu cabari bagezweho ico gihe(Les vedettes) nka Canjo Amisi na Nikiza Davide n’abandi benshi bariko barabica bigacika muriyo myaka. Mu kwihangana kwinshi yahavuye amenya ingabire yiwe aho mu mwaka 1973 niho yashinga umurwi wiwe mushasha ariko ntiyatevye kubera 1975 yaciye agenda kubandanya amashure yisumbuye mu gihugu ca Congo mu gisagara ca kinshasa. Inyuma y’imwaka 3 gusa, mu 1978 aheza yubaka urugo ntaho bitageze nkuko yabishaka, umushingantahe wiwe yitaba Imana afise umwana 1 w’umuhungu.

Mu mwaka wi 1991 niho yaciye aronka umufasha mu muziki yitwa Nicolas Fiszman aramufasha ibintu vyinshi cane aho yavuze ati :”Nicolas est le Nin de Khadja Nin“.  Aca agiriranira amasezerano na BMG mu mwaka umwe gusa aba akoze urukurikirane (Album) ya mbere yiwe. Asubira n’izindi zitwa: Ya Pili…, Ya….., iya gatatu yitwa Sambolera. Imana iramutwengera cane agurisha indirimbo zirenga ku bihumbi 420 (Exemplaire).  Khadja Nin yavuze  ati: « Sinigeze menya umuziki noneho sinzi kuwandika canke k’uwusoma” ngo mbona umuziki wanje nk’igitangaza cakorotse kiva mw’ijuru kuko namye nkora cane kugira ndabishikeko ».

Umuririmvyikazi Khadja Nin mu gihe yaba mu gihugu  c’Ububiligi yaboneyeho n’akaryo ko kubona abaririmvyi mpuzamakungu ndetse n’indirimbo ziwe zirakundwa kw’isi yose.

Abakunda ibikorwa vyiwe n’ubukerebutsi bahisemwo ku mwita ”La diva des milles collines’‘. Khadja Nin akaba akunda kuririmba mu ndimi nyinshi ariko cane cane ni : Kirundi, Giswahihili na Gifaransa akaba atanga ubutumwa kubijanye n’ukwidegemvya, gufashanya n’inyigisho mu mice mwinshi.

Yarashoboye kuronka udushimwe twinshi ariko ako yaronse gasumba utundi nako bise “Meilleur Artiste” muri Africa yo hagati mu korah 2000 i San City muri Africa y’Epho.

Related posts

Big Fizzo mu giteramo co kwinjira icese ubunywero Guera Plaza.

Yvan Manager

Insiguro, inkomoko n’imico y’abantu bafise aya mazina.

Yvan Manager

Miss Burundi 2023: Abakobwa 11 bamaze kumenyekana bazobandanya mu gice ca nyuma.

Yvan Manager

Leave a Comment