Imyidagaduro

Inyuma y’imyaka 6, Spoks agarutse n’idirimbo “Mashup”.

Umuririmvyi Spoks yasubiye kugaruka mu muziki, yashize ahabona indirimbo yiwe yise “Mashup” akaba ari urukurikirane rw’indirimbo 8 yaririmvye ashize hamwe, izo zose acazita iryo zina. Inyuma y’imyaka 6 ataririmba, ivyo yabikoze kugira abamuzi vuba bamenyeko yigeze kuba ari umuririmvyi atanga ubutumwa bwo guhindura ivyiyumviro abantu.

Nkuko Buja FM yarondeye Spoks avuga ko atagarutse mu muziki kugira aje mw’ihiganwa n’abandi baririmvyi ariko yashimye kugaruka mu muziki kubera muriwe yipfuza ko umunsi yavuye kur’ino si azoronka ikintu bazoza baramwibukira kizima yoba yamarira abandi cane cane abicishije mu mudiho n’ubutumwa burimwo.

Urukurikirane rwizo ndirimbo zose, zishika 8 hatangura “Siko nabisanze, Agakuku, Ndatemutse, Nzobiki, Iherezo ryiza, Utayaona, ibibazo hamwe n’ Iwacu”. Uravye ukuntu izo ndirimbo zikurikirana biboneka yuko ari ubutumwa bukurikirana bwo gukebura imirwi myinshi y’abantu kuko abaririmvyi baririmba ivyo bagenda babona mu kibano kugira bihinduke. Ico twatahuye muriyo ndirimbo “Siko nabisanze” nuko umuntu harivyo aba ashaka gushikako ariko agasanga siko bimeze, agaca asanga abandi bakuranye bari mu gakuku batwarwa nako, mw’ishure bigaheza ayoberwa abandi bavyita gutemuka. Ejo akazoca yicuza yibaza ico azoba muri kazoza niho ashobora kwibaza ukuntu azogira iherezo ryiza. Amaze gukura akavukira mu muryango atipfuza ahasanze ataruhara yabigizemwo “Atayaona”.Ivyo navyo bigakwega ibibazo mu buzima aho umuntu afata ingingo yo kuja kure yo mu muryango mu nyuma agahitamwo kugaruka iwabo “Iwacu”.

Related posts

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Insiguro, inkomoko n’imico y’abantu bafise aya mazina.

Yvan Manager

Indirimbo “You Love” ya DJ Paulin feat Dram-T, Juno Kizigenza izosohoka kuruyu wa Gatatu.

Yvan Manager

Leave a Comment