IbigezwehoInkino

Dream House: Abazotigira bagatsinda ku rukino rwa Manchester city na Inter bazoronka ubushimwe.

Ishirahamwe Dream House ridandaza ibikoresho vy’ubuhinga ngurukana bumenyi (Eletronique) harimwo cane cane terefone ngendenwa rizotanga ubushimwe  harimwo Ama écouteurs(Sans fils) ku wa mbere,n’ayasanzwe ku wa kabiri n’uwagatatu, kubakunzi babo bazoronka amahigwe yo gutomboza kubitsindo mu rukino rwa nyuma bazotsindana hagati y’Ihiganwa ry’Aburaya bita UEFA Champions League ruzohuza Manchester city izokina na Inter de Milan.

May be an image of 1 person and text that says 'Plongez dans votre univers grace nos écouteurs. DREAM HOUSE Adresse Ch. Prince Louis Rwagasore Tél: 22 2108 02 Dream House Burundi'

Ishirahamwe Dream House rizotanga ama ecouteurs (Sans Fils) ndetse no kuwuzoba yayashoboye gusangiza abandi kurusha « “Partager”.Urwo Rukino ruzobera mugisagara ca Istanbul mugihugu ca Turquie Urukino ruzotangura isaha zitatu zijoro (21h00), n’imigwi yifuza gutahukana ico gikombe kuko kumpande zose baragikeneye.

Inter de Milan na Manchester City bamaze kubitwara incuro zingahe?

Umurwi wa Inter de Milan ufise ibikombe bitatu vya Champions League mugihe mukeba wayo bazohura Manchester city atagikombe ca champions League ifise.Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, umugwi wa Manchester city wasezereye umugwi wa Real Madrid ku bitsindo (4-0), kuruhande rwa Inter de Milan usezerera umugwi Ac milan basanzwe basangiye igisagara ca Milan (1-0).

Ikibuga kizoberamwo urwo rukino c’akira abarorerezi bangahe?

N’urukino gwitezwe n’igishika cinshi kuko impande zose bariteguye kugitahana kandi bose abakinyi ngenderwako barahari ntamvune nyinshi bafise. Ikibuga cakira abarenga gato  ico gitigiri 75145 hatarimwo abandi bazoyirabira ku mboneshakure zo kw’isi yose.

Manchester city imenyerezwa na Pep Guardiola :”turiteguye gutahukana igikombe cagatatu Uno mwaka kandi turashaka guha umunezero umugwi mugutahukana igikombe cambere ca UEFA Champions League .”Kuruhande gwa Inter de Milan,  Lautaro Martinez :” twatahukanye coupe du monde tudahabwa amahigwe nubu turiteguye gutanga ivyo dushoboye vyose kugira inyuma yimyaka 13 dusubire duhe umunezero abakunzi bumugwi .”

Urukino muzorukurikiranira ikibiriraho kuri Buja FM twishikiye ku bunwero bwitwa RUSTICA mu Maramvya ibarabara rya14 (14ème avenue)

 

 

 

Related posts

Canal + yabazaniye utuganuke kubakunzi bayo.

Yvan Manager

Etienne Ndayiragije, atsinzwe urukino rwa mbere mu Ntamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Abakunzi b’Intamba bagize ico bavuga inyuma yo gutsindwa na Cameroun.

Yvan Manager

Leave a Comment