Ubutunzi

BRB : Ingingo y‘ imigwi ikora nk’amabanki matomato bayitahuye nabi.

Inyuma yaho banki nkuru BRB ifatiye ingingo yo guhagarika kwandika imigwi y’ubutunzi ikora nk’amabanki matomato bita Microfinances bivanye n’utunenge twibonekeza muri ayo mashirahamwe, hari abatatahuye neza ico iyo ngingo isobanura, ico kiganiro kikaba cari catewe iteka n’ Umuhuza w’ Abarundi Aimée Laurentine Kanyana.

Mu mashirahamwe yo kwiyungunganya mu kibano, benshi bakaba bamaze kubona ingaruka z’iyo ngingo kuko amafaranga yo kubitsa ariyo atuma abanywanyi baguranana hagati yabo ngo yaragabanutse benshi ntibakiyazana muri ayo mashirahamwe.

Mu kiganiro catunganijwe, kuri uyu wa 27 Ruhuhuma 2023, n’urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana RIM  ku bijanye n’intambamyi zibuza abakenyezi imirimo ijanye no kwiteza imbere, abakenyezi bahurikiye mu migwi yo kuziganya no kuguranana mu kibano basiguriwe ibijanye n’ingingo iraba iyo migwi yafashwe n’ibanki nkuru BRB.

Prosper NGENDABANKA ajejwe igisata co gucungera amabanki no kuziganya no kuguranana muri BRB.
Prosper NGENDABANKA ajejwe igisata co gucungera amabanki no kuziganya no kuguranana muri BRB.

Uwujejwe igisata co gucungera amabanki hamwe no kuziganya no kuguranana muri Banki Nkuru BRB, Prosper Ngendanganya, akaba yamenyesheje ko iyo ngingo itari iyo guhagarika ibikowa vy’abo bakora ibikorwa vyo kuziganya no kuguranana mu kibano ahubwo iyo ngingo yari iyo kubuza ibikorwa batemerewe gusa.

Uwo mukozi wa Banki Nkuru akaba yavuze yuko abantu bifitiye ivyo bita Ikirimba, bakaba baguranana hagati y’abanywanyi gusa, iyo ngingo ntibabuza gukora.

Related posts

Rusasuma igira 4: Bikuru bikuru vyerekana itandukanye n’izimaze kuba.

Yvan Manager

BRB: “Uwuzoshaka amahera mvamahanga yose yipfuza azoyaronka”.

Yvan Manager

Séverin yakoze akuma gafasha guhamagarana ata ma inite akoreshejwe.

Yvan Manager

Leave a Comment