Politike

Bimwe mu bibazo n’inyishu vyabajijwe mu kiganiro c’Abashikiranganji.

Abashikiranganji batandukanye ba Reta y’Uburundi bahagarariwe n’umushikiranganji wa mbere, baremesheje ikiganiro kidasanzwe kugira bishure ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abenegihugu, kuri uyu wa 06/10/2023 kuri stade Ingoma i Gitega. Twashimye kubabwira bimwe bimwe mu nyishu zabonetse murico kiganiro camaze amasaha arenga 6. 
Peut être une image de 5 personnes, estrade et texte
Martin Niteretse Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati n’Umutekano.
Kukibazo c’abana bo mwibarabara baguma biyongera bakanakora amabi menshi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano Martin Niteretse amenyesha ko abana bo mw’ibarabara guhera ku wa mbere w’iyinga riza bazojanwa mu kigo cabateguriwe hariya mu Cankuzo.
Martin Niteretse akaba yamenyesheje ko hamaze gutegekanywa n’abahinga bazokurikirana urwo rwaruka mu kuruha inyigisho z’imyuga, abo bigishoboka nabo basubizwe mu mashure kugira ngo bashobore kugira kazoza keza nk’abandi bana b’igihugu.
Kubadandaza bandariza mu mabarabara ngo Reta ntishobora kwemera ko haba abadandariza hanze y’amasoko na cane cane ko amasoko menshi afise ibibanza bigaragara. Umushikiranganji akaba yaciye atanga akarorero ko mw’isoko ya Jabe, aho abanyagihugu banse kwinjira kudandariza mu bibanza vyo mw’isoko bakaguma hanze.
Asaba ko abo bakenyezi n’abo bandi badandariza hanze y’amasoko bokurikiza amategeko mu kurondera ibibanza vy’indani mu masoko ari mu gihugu, abe ariho badandariza.
Image
Ibrahim Uwizeye Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu.
Kukibazo kijanye n’icikagurika ry’umuyaganguba umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu Ibrahim Uwizeye avuga ko guhera mu kwezi kwa Kigarama hatazoba hacibonekeza icikagurika ry’umuyagankuba.
Kubw’uyo mushikiranganji ngo icigagurika ry’umuyagankuba ryoba riva ku mihora ishaje.
Ikindi ngo gupima umuyagankuba uva ku rugomero Rusumo naco kiri mubituma umuyagankuba ucika kuko ngo haraho biba ngombwa ko bazimya.
Ibrahim Uwizeye amenyesha ko ibikorwa vyo kwubaka urugomero Rusumo bigeze kubice 99%. Akamenyeshako n’ibikorwa vyo gusanura imihora ishaje navyo vyamaze gutangura mu ntara zitandukanye.
Peut être une image de 4 personnes et texte
Domine Banyankimbona Umushikiranganji w’Ubutungane.
Ku kibazo c’abantu barekurwa na sentare ariko bakagumizwa mu munyororo, Umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona arasigura zimwe mu mvo zibituma, akamenyesha ko bishika mu gihe bibonetse ko hashobora kuba umutekano muke mu gihugu canke ku wurekuwe. Birashika kandi mu gihe umushikirizamanza yasavye isambuka ry’urubanza.
Nayo ku bavuga ko batarekurwa kuja kwivuza bari mw’ibohero, Umushikiranganji avuga ko umunyororo arekurirwa kuja kwivuriza ahandi mu gihe abajejwe kubavura ari bo bamenyesheje ko batabishoboye.

Related posts

Batatu mu bari mu nzego nyobozi z’Umugambwe CNDD-FDD basubirijwe.

Yvan Manager

Buramatari wa Ngozi yemereye impinduka mu bijanye n’ibitoro,isukari,umuyagankuba n’amazi meza

Yvan Manager

Ibintu bikuru bukuru Prezida Varisito Ndayishimiye yakoze muri CUBA mu nama G77..

Yvan Manager

Leave a Comment