Abasirikare b’ibuhugu vy’ umuryango wa Afrika y’ Ubumanuko SADC bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu kurwanya imirwi y’abitwaje ibirwanisho mu burasirazuba bwa Congo cane cane umurwi M23 bagiye gutaha ubutarariye nkuko vyavuye munama y’abakuru b’ibihugu yarirongowe na Emmerson Mnagagwa, atwara igihugu ca Zimbabwe yabaye ejo hahise kuwa 13 Ntwarante kubuhinga ngurukana bumenyi.

Hari abasirikare gushika ubu b’ibibuhugu vya Afrika y’epfo, Malawi na Tanzanie bari barungitswe mu kwezi kwa Kigarama mu 2023 muvyo bashoboye guhurizako kugira ingaruka mbi ziyo ntamabara zihere harimwo zimwe mu ntambamyi zikomeye nko kubura uko bashika mu bisagara bitandukanye kubera umutekeno muke bashiriye ivya nkenerwa n’imfashanyo zitandukanye zigenewe abamaze guhunga. Murizo ntambara abasirikare 14 ba Afrika y’Epfo baramaze gutakaza ubuzima, 3 bo muri Malawi nkuko ibitigiri vyemejwe n’ibihugu vyabo, igihugu ca Congo kivuga kiyo ntamabara ya M23 rimaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 7000 kuva mu ntango z’uyu mwaka.
Iyo ngingo ifashwe mu ntumbero hasohotse amakuru yuko kuwa 18 Ntwarante hazotagura ibiganiro vyo kwumvikana guhagarika intambara hagati ya Kinshasa na M23 nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igihugu ca Angola mu gihe umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yamye ahakana ico ciyumviro, afatwa nk’umurongo utukura.