MuburundiPolitike

“Gushima uko imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe” Ubutumwa bazaniye Evariste Ndayishimiye.

Evariste Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi, yakiriye Umushikiranganji wa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RDC) muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n’ibindi bihugu, umupfasoni Thérèse Kayikwamba Wagner hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Ntwarante. 
Uwo mushikiranganji avugako yari azaniye Umukuru w’igihugu c’Uburundi nkuko ayo makuru tuyakesha Imboneshakure y’igihugu, ubutumwa yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu ca Kongo, Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo. Ubwo butumwa ngo bukaba ari ubwo gushima uko imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe, hamwe no gukenguruka ingene Abarundi na Reta y’Uburundi bakiriye neza impunzi z’abanyekongo zahunze indwano ziri mu buseruko bw’ico gihugu.
May be an image of 1 person
Rosine Guilène Gatoni, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyeshako Sebarundi nawe nyene ashima ingene imigenderanire hagati y’Uburundi na RDC yifashe. Ngo yateye intege abenegihugu ba RDC hamwe na Leta y’ico gihugu, anavuga ko yizeye ko intambara iri muri ico gihugu izorangira, na cane cane ko amakungu yahagurutse kugira ihere.
Muri uwo mubonano, Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’Umushikiranganji wa RDC muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n’ibindi bihugu ngo baganiriye kandi ukuntu hokomezwa ugufashanya mu bisata bitandukanye, mu ntumbero y’inyungu rusangi z’abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi.

Related posts

Ubuserukizi bw’Ubuganda mu Burundi bwarashimye intambwe y’abanyeshure b’abarundi bize muri ico gihugu.

Buja Media

CENI imenyesha ahigejeje gutegura amatora yi 2025.

Buja Media

Amaziko ya Papa Fransisko azoba kuwa 26 Ndamukiza muri Bazilika ya Mariya mweranda.

Buja Media

Leave a Comment