Politike

Inama Nkenguzamateka yemeje ba Buramatari 3 bashasha.

Kuwa 11 Gitugutu 2023 mu ngoro y’amakoraniro y’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi bahejeje kwemeza abagiye kuba ba Buramatari 3 mu ntara ya Kirundo, Muramvya na Makamba hamwe na Général de Brigade Jules Ndihokubwayo agiye kuzoba Umuserukizi w’Uburundi mu makungu. Abo bose batowe ku majwi 100 kw’ijana nkuko tubikesha imbunga ngurukana bumenyi bwivyo biro. Amazina yabo bose batanzwe n’Umukuru w’Igihugu.

Abahejeje kwizerwa murayo mabanga naba bakurikira:

 Ncutinamagara Tantine yahora ari Umwunganirizi w’Umushikiranganji wo gushigikirana akaba agiye kurongora intara ya Makamba.

 Ndikumasabo Euphrem yahora arongoye komine Bukeye akaba agiye kurongora intara ya Muramvya.

Colonel de police Segasago Victor yahora ari umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu akaba agiye kurongora intara ya Kirundo.

Général de Brigade Jules Ndihokubwayo yemejwe n’Inama Nkenguzamateka akazoserukira igihugu hanze ni mugihe yarasanzwe ari umugendanyi “Protocole” w’Umukuru w’Igihugu.

Ivyo biruko mu gihe Jules Ndihokubwayo agiye kuba mubandi 9 baheruka gutora ariko bataramenyesha ibihugu bagiye gukoreramwo ariko basubirizwe hataramenyekana amakosa yatumye abo ba buramatari 3 murayo mabanga.

 

Related posts

Imyaka 50 ishirahamwe CEDEAO ribayeho.

Buja Media

Ubufaransa na Ukraine bwasinye amasezerano yo kugura indege 100 zo mu bwoko bwa Rafale

Buja Media

Abashikiranganji bashasha barahiye icese imbere y’Umukuru w’igihugu.

Buja Media

Leave a Comment