Mumahanga

RDC: Abatavuga rumwe na reta bafise amakenga k’uwurongoye umurwi w’amatora n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Abanyeporitike batavuga rumwe n’Umukuru w’Igihugu ca Congo bamaze gutanga ibibaranga vyo kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora azoba igenekerezo rya 20 Kigarama 2023 bafise amakenga menshi k’uwurongoye umurwi w’amatora hamwe n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bakamenyesha ko bafise amakenga ku kuntu uwo murwi uzokora. Murico gihugu uwutowe afise ikiringo c’imyaka 5.  3 muri 5 harimwo Martin Fayulu, Denis Mukwege hamwe na Moïse Katumbi bakaba bavuga ko uwurongoye umurwi ukurikirana amatora CENI, Denis Kadima asanzwe afitaniye ubucuti budasanzwe na Prezida Félix Tshisekedi .
Abagabo batatu bahanganye cane na Tshisekedi ari bo Martin Fayulu, Denis Mukwege hamwe na Moïse Katumbi bakaba bavuga ko uwurongoye umurwi CENI Denis Kadima asanzwe afitaniye ubucuti budasanzwe na Prezida Félix Tshisekedi kandi ko no mu bandi bakozi ba CENI ata batavuga rumwe na Reta barimwo nk’uko Jean-Claude Mputu arongoye ishirahamwe CNPAV rigwanya igiturire yabibwiye ikinyamakuru RTBF.be
Abamaze gutanga dosiye zabo zo kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu mu matora ya kigarama 2023.

Ayandi makenga berekanye akaba n’uko na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro isanzwe ari yo yemeza ivyavuye mu matora, nayo nyene igizwe n’abegereye ubutegetsi bwa Tshisekedi nk’uko bivugwa Alphonse Maïndo, umwigisha wa kaminuza y’i Kisangani asanzwe ari mu ba mbere bashigikiye kandidatire ya Dr Dénis Mukwege.

Uwo mwigisha w’ivya kaminuza agasaba abanyagihugu kuzoguma hafi y’ama biro y’itora gushika haharuwe ivyavuye mu matora kugira ngo ivyayavuyemwo ntibizosubire kwibwa nk’uko vyagenze mu matora yaheruka ya 2018.
Gushika ubu abamaze kumenyesha ko bazitoza ku giti c’Umukuru w’Igihugu, ababoneka ko bahanganye na Félix Tshisekedi ni Martin Fayulu, Denis Mukwege hamwe na Moïse Katumbi. Abandi nabo bikaba biboneka ko ata nguvu nyinshi bafise nabo akaba ari Adolphe Muzito na Augustin Matata Ponyo bahoze ari abashikiranganji ba mbere ku ntwaro ya Prezida Joseph Kabila.
Umurwi CENI ukaba umenyesha ko uzoheza kwakira ama dosiye y’abitoza gushika ku wa 8 Gitugutu 2023, aho zizoca zibanza kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro hama zibone kugaruka mu murwi CENI mu misi 15.
Mwomenya ko ayo makenga yabaye intandaro yatumye Joseph Kabila yahoze arongoye ico gihugu imbere yo mu 2018 yanka kwitoza nk’uko bibandanya vyandikwa na RTBF.be

Related posts

Haciye imyaka 65, bamenye yuko babagujije bakiri inzoya mu bitaro.

Yvan Manager

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

Leave a Comment