Mumahanga

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Igihugu c’Ubufaransa catanguje ibikorwa vyo gukura abashirikira bayo bashika 1500 bari mu gihugu ca Niger, bazotagura kuvayo muriyi ndwi nkuko ayo makuru tukakesha iradiyo ya Bafaransa RFI, iyo ngingo  yafashwe kuva yuko batumvikanye n’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Niger kuva habaye ihirikwa ry’ubutegetsi mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Des soldats français du 2e Régiment étranger de parachutistes (2eREP) se préparent à une mission sur la base aérienne projetée à Niamey, le 14 mai 2023.

Ku gihugu c’Ubufaransa catanganje yuko ico gikorwa bazogikora gushika mu mpera zuyu mwaka 2023 kuko bazorinda kuja mu gisagara gikuru ca Niamey, aba mbere bazotahukanwa n’abashika 400 bari ku rubibe Walam rwa Niger na Mali, abandi bari ku birometero 100 gushika mu gisagara gikuru ivyo bikazobafata iminsi 2 kugira bahashike ni mu gihe ambasaderi w’Ubufaransa muri Niger atahutse mu gihugu ciwe. Hari inyuma y’uko aremewe n’abategetsi b’abasirikare bafashe ico gihugu.

Coup d'État au Niger : la France est-elle responsable de l'instabilité en Afrique de l'Ouest ? - BBC News AfriqueAbo basirikare ba Bafaransa bari muri ico gihugu mu gikorwa co kurwanya abarwanyi ba bayisiramu bakorera mu karere ka Sahel bari mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu hafi y’urubibe n’ibihugu vya Burkina Faso na Mali. Ni akarere abo barwanyi bakoreramwo.
Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Niger bari bamaze igihe basaba ko abasirikare b’Ubufransa bova muri ico gihugu. Imyiyerekano itari mike yari yarabaye.

Related posts

Zelensky : ‘’Ntibashobora gufata igisagara Bakhmut tugihari’’.

Yvan Manager

RDC : BASABA UMUKURU W’IGIHUGU GUSHIRA IMBERE IBIGANIRO

Buja Media

Ligue des champions: Urukino atanumwe rwafashije, Real Madrid-Manchester City (1-1).

Yvan Manager

Leave a Comment