Amagara

Johali yibarutse abana 6, yasohotse ibitaro.

Umuvyeyi yibarutse abana 6 yarasohotse ibitaro bikuru vy’abasirikare mu kamenge kw’ iginekerezo rya 13 Ntwarante 2023 atahukanye abana 4 kuko babiri muribo bitavye Imana, aherekejwe n’ umushikiranganji w’amagara y’ abantu hamwe n’ uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu mu Burundi OMS.

Johali Mugishimana yibarutse abana 6.
Johali Mugishimana yibarutse abana 6.

Johali Mugishimana arashimira abaganga bashoboye kumwitaho,abamuserutseko bose igihe yari amaze murivyo bitaro kuva acinjira gushika asohoke. Yibarutse abana 6 hari igenekerezo rya 24 Kigarama 2022, yarasanzwe afise abandi bana 3.

Umuyobozi w ‘ibitaro,muganga Mariko Nimburanira yamenyesheje ko bakoze ibishobo kugira barokore ubuzima bw’abana bose ariko babiri ata mahirwe bagize yo kubaho. Yarijeje umuvyeyi yuko bazoguma bamukurikirana igihe cose azoba yipfuza ubufasha ko bazomuba hagufi.

Uwuserukira OMS mu Burundi .

Uwuserukira OMS mu Burundi yeremeye ko bazobaronsa ibikoresho vyo mu gisata c’ abana kuko ubumenyi bukwiye yasanze babufise.

Umuganga Sylvie Nzeyimana, Umushikiranganji w’ amagara y’abantu

Umuganga Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’ amagara y’abantu arashimira abaganga hamwe n’ umuntu wese yagize icakora kugira arokore amagara yabo bana n’ umuvyeyi. Yaboneyeho akaryo ko guhanura umuryango kuvyerekeye uburyo bwo gutandukanya imvyaro.

Mwomenya yuko umutambukanyi w’ Umukuru w’ Igihugu yigeze kuja kumuraba amushiriye uburyo n’ indemesho mu bitaro mu ntango zuno mwaka, harimwo n’abandi bategetsi batandukanye.  Johali Mugishimana yubakanye na Hassan Ndayishimiye baba muri zone Gatete, komine Rumonge. Mu Burundi ryari imbonekarimwe habonetse umuntu yibaruka abana 6 ariko ku mugabane w’Afrika hari umukenyezi yibarutse abana 9 wo mu gihugu ca Mali.

 

 

Related posts

ANSS yatunganije uruganda ruhuza ibihugu 7 vyo muri Afrika yo hagati n’iyubuseruko.

Yvan Manager

Abantu 30 baramaze gufatwa n’umugera wa korera mu karere k’imbo.

Yvan Manager

Gufungura nabi bisigura iki?

Yvan Manager

Leave a Comment