ImibanoImyidagaduro

Abaririmvyi bi Ngozi bashizeko ikimenyetso kumva ya Saïdi Brazza kugira ntihazimangane.

Abaririmvyi bo mu ntara ya Ngozi baragiye hamwe barasaba abari mw’idini rya Isiramu yuko bobemerera bagashirako ikimenyetso ku mva y’uwahoze ari umuririmvyi Saïdi Brazza iri mu gacimbiri Gatonde, umutumba Rusuguti, commune Ngozi inyuma yo kwitaba Imana igenekerezo rya 24 ntwarante 2023 ahitanywe n’indwara ya asima (Asthme).

Imva ya Saidi Brazza.

Nkuko ayo makuru tuyakesha umumenyeshamakuru akorera muriyo ntara ya Ngozi ngo: “Kubwacu twarabonye yuko dushobora kubisaba kuko mu migenzo yabari muriyo dini batahora babikora niho twagira ico ciyumviro co kuguma twibuka aho uwo mugenzi w’abaririmvyi bato n’abakuze mu myaka, niho twaciye tubisaba bavyakira neza kuko Saïdi Brazza twasanze atari umuntu asanzwe kubera ubutumwa yaririmba mu ndirimbo ziwe yari ubw’amahoro no guhuza abantu bose nkirya ndirimbo Burikukiye,Twiganirira, Mbega ibibazo dufise bizoshira? Gushika nubu hari abatubaza imva ya Canjo Amissi tukahabura kubera ata kimenyetso bashizeho.”

Saïdi Brazza akiri muzima ari mu kiganiro.

Mwomenya yuko Saïdi Brazza yafasha abaririmvyi bakiri bato muriyo ntara kubaronderera amasoko y’ibiteramo, yarabahanura ndetse hari n’abaririmvyi bakiri bato yemereye bagakorana indirimbo. Kuribo ngo ntibigeze babona Saïdi Brazza aba kure yabo.

Uwoshaka gusoma izindi nkuru twanditse kuri Saïdi Brazza ni:

 

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

 

Léonce Ngabo, Ednaky, Masterland na B Face bavuze iragi Saïdi Brazza abasigiye.

Related posts

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Yvan Manager

Augustin yasubiye kuboneka ari muzima inyuma y’imyaka 3 yitavye Imana.

Yvan Manager

Ukwahukana, amajambere canke ikiza ?

Yvan Manager

Leave a Comment