Mumahanga

Umukinyi Piqué yirukanye umugore wiwe Shakira mu nzu.

Umuririmvyi Shakira yamenyekanye cane kw’isi yaraye yirukanywe munzu yahoze abanamwo n’umugabo wiwe, umukinyi rurangiranwa Piqué inyuma yaho bavaniye. Yagiye muri reta ya Miami muri Amerika iyo asanzwe ava kandi aho yabaye cane imbere y’uko aja kuba i Barcelone muri Espagne aho yari amaze imyaka 12 yubakanye n’umukinyi yabaye igahangange kw’isi, Gerard Piqué Bernabéu.
Ni inyuma y’aho se wa Pique arungikiye urwete uyu muririmvyikazi Shakira Isabel Mebarak Ripoll, amumenyesha ko ategerezwa kuva munzu yabamwo n’abana n’abavyeyi biwe, inzu yahoze yegukira Pique na Shakira imbere yuko bahukana mukwa gatanu kw’umwaka uheze, akaba yamubwiye ko atayivuyemwo ayiriha nkuko iyi nkuru tuyikesha urubuga Nagaciro rwayishize mu Kirundi.
Iyi nzu ubu yegukira ishirahamwe rimwe rikomeye mumashirahamwe ya Piqué, se wa Piqué “Joan Piqué” akaba ari umwe mubamurabira amatungo ari nawe muyobozi w’iri shirahamwe, ivyatumye yirukana uyu muririmvyikazi.
Uyu muririmvyikazi w’imyaka 46 yagiye ajanye n’abana biwe babiri, Milan w’imyaka 10 na Sasha w’imyaka 8, akaba yabavyaranye n’uyu mukinyi rurangiranwa Piquet w’imyaka 35
Bivugwa ko Shakira yoba yari yarashize murugo igishusho c’amangetengete( witch doll) agishinga kiraba murugo kwa inabukwe.
Shakira na Pique bakiri mu rukundo.
Ikinyamakuru El Periodico c’i Barcelone canditse kivuga kiti ” Ubu rero turatahuye icatumye Shakira akorora amosozi kumasanamu araho.”
Uyu muririmvyikazi yafashwe amasanamu kuwamungu uheze ariko ava i Barcelone n’abana biwe akorora amosozi mugihe yariko asezera abaryango n’abagenzi.
Ibi vyose bibaye mugihe umukinyi Pique agize iminsi murukundo n’umwigeme w’umunya Espagne Clara Chia w’imyaka 24, ikinyamakuru WFMZ kikaba kivuga ko Piqué ataryohewe n’agato kundirimbo Shakira yaheruka gusohora bisa no kugaya urukundo rwa be n’uwo mwigeme Clara Chia.
Ni mururirimbo uyu muririmvyikazi yaheruka gusohora afashanije n’umunya Argentine DJ Bizarrap, we akavuga ko ari ugwo kwikura umubabaro yagize kubera ugutandukana guheruka kuba hagati yiwe na Piqué.
Kuvyerekeye uru ruririmbo, Gerard Piqué yavugiye kw’iradio RAC1 ati: ” Ego nyene naragwumvirije..Dufise itegeko ryo kubandanya dufasha abana bacu muri twebwe abavyeyi bategerezwa gukingira abana babo. Umuntu wese afise gufata ingingo ashatse. Numva ntashaka gusubira kubivugako. Nshaka gusa ko abana banje babaho amahoro namye mfise ubucuti bwiza n’abana banje.” bivuga Piqué kuri radio RAC1
Bafashijwe n’ubucamanza bw’ico gihugu, Piqué yarumvikanye n’umuririmvyikazi Shakira uko ivyukwahukana kwabo bizogenda, ibitoroshe nagato, ariko baruhira kwumvikana ko abana Piqué azohora abaronka muburuhuko.
Abana ba Gerard Piqué na Shakira.
Ikinyamakuru Daily Mail kivuga ko Shakira yahavuye yandika ubutumwa bw’ibigumbagumba bujanye n’igenda ryiwe kurubuga rwiwe rwa instagram, inyuma yaho aviriye i Barcelone agira ati: ” Nari naje i Barcelone kugira mpe abana banje umutekano, umutekano ubu turiko tugenda kurondera mukandi karere hafi y’umuryango, abagenzi be n’ibahari.”
“Uyu munsi dutanguye igice c’ubuzima gishasha co kurondera umunezero. Mwarakoze mwebwe mwese mwamfashije kujabuka imikuba myinshi aho i Barcelone, igisagara nigiyemwo ko ubugenzi buramba cane kurusha urukundo.”
“Mwarakoze kuri mwese ngaho mwanteye intege z’uguhanagura amarira yanje, mukambera akarorero ndetse mukamfasha gukura.”
“Mwarakoze bakunzi banje (Fans) bo muri Espagne mwankingiye igihe cose n’urukundo n’ubuntu.”
Ikinyamakuru Daily mail kivuga ko yahavuye ashira n’ifoto y’ibaba ry’indege imwerekana ariko ava mugisagara ca Barcelone, ifoto yaherekesheje amajambo akurikira ngo : ” Ariko burya ibintu ntivyama bigenda uko twabiteguye. Hari igihe twiruka ariko ntidushike ariko ntimukekeranye ko nzoba ndi ngaha.”
Twobibutsa ko umukinyi Gerard Piqué yakinye mumurwi FC Barcelone kuva mumwaka wa 2008 gushika 2022 yongera akinira n’umurwi wa Espagne kuva mumwaka wa 2009, uwaciye utwara igikombe c’isi cabereye mugihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka wakurikiye(2010) aho igihugu ca Espagne gitsindiye igitsindo kimwe kubusa bwa Pays-Bas murukino rwanyuma.

Related posts

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

RDC: M23 wemeye guhagarika intambara..

Yvan Manager

RDC: Abatavuga rumwe na reta bafise amakenga k’uwurongoye umurwi w’amatora n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Yvan Manager

Leave a Comment