IbigezwehoImyidagaduro

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 Ntwarante 2023 rishira uwa gatanu niho hamenyekana inkuru y’umubabaro yuko umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana muri bimwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Ngozi ahitanwe n’ indwara ya asima (Asthme).

Nshimirimana Saïdi benshi bazi kw’izina rya Saïdi Brazza yamenyekanye kuva mu myaka ya  1990 aho yasohora indirimbo ya mbere afise imyaka 16 gusa. Mu nyuma yararirimvye izindi nyinshi zakunzwe cane na benshi harimwo  “Burikukiye”, ivuzwa cane iyo hageze guhimbaza umusi wahariwe ukwikukira kw’ Uburundi, iyindi yakunzwe cane n’ indirimbo zamenyekanye muri kano karere nka Yameze amenyo, Twiganirira, Kugasaka, n’iyindi yakunda kuririmba aho aguma abaza ati : “Mbega ibibazo dufise bizoshira?

Saïdi Brazza arwariye mu Bitaro.

Saïdi Braza asize abana 3 harimo Iwacu Noah yavyaranye n’umuzungukazi, Maya Ineza w’imyaka 18, n’ imfura yitwa Jambo Prince Kim afise imyaka 22. Gusa muri 2019 yavugaga ko hashobora kuzaboneka n’abandi.Saïdi Brazza yaraye yitavye kumyaka Imana kumyaka 48  muri bimwe mu bitaro vy’i Ngozi aho yari amaze imisi arwariye. Amakuru ava muntara yangozi nuko yahitanywe ningwara ya Hasima.

Saïdi Brazza yaririmvye Burikukiye.

Haraciye imyaka irenga 8, muri 2004 Saïdi Brazza atari mu Burundi, yari mu Rwanda inyuma yo guhura n’ ibibazo vyo gufungwa azize ibiyayura mutwe atwarwa mu kigo bita ’’Iwawa’’ , inyuma atabwa muri yompi arafungwa umwaka wose “Nari maze hafi imyaka itatu ntaboneka mu muziki, nabanje kuja kugororerwa ku kirwa c’ Iwawa, mu nyuma y’amezi atandatu ndafungwa marayo umwaka wose, ubu navuyeyo. Ndabwira abafana banje ko ubu n’agarutse, niho nasubiriye gukora indirimbo zanje.’’ amwe mu majambo yanyuma yavuze akiriho.

Amakuru ava ingozi nuko aza gushinguranwa iteka uno munsi nyene igenekerezo rya 24/3/2023 mw’itongo ry’ abapfuye mu Gatonde iri mu gisagara ca Ngozi kubera asanzwe ari mw’idini rya Islam.

Related posts

TMC Burundi: “Twazanye Jaguar wo muri Kenya kugira twerekane ishusho ryiza ry’ Uburundi”.

Yvan Manager

“Festival Canal Comedy Buja 2023” : Iminsi 3 yo gutwenga mu gisagara ca Bujumbura.

Yvan Manager

Dream House: Abazotigira bagatsinda ku rukino rwa Manchester city na Inter bazoronka ubushimwe.

Yvan Manager

Leave a Comment