Imyidagaduro

Ihiganwa ry’umwigeme mwiza ryagarutse.

Ishirahamwe S.S.Entreprise ifadikanije n’ Ubushikirangaji muvyo bujejwe harimwo ubudandaji, ryaruguruye icese ibikorwa vy’ ihiganwa ”Miss Burundi”  ryo gutora umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge ku ncuro igira 3, uwuzoba uwa mbere bazomuha imodokari iri mu bwoko bwa Ractis n’ umushahara w’ ibihumbi amajana atanu ku kwezi. Iyandikwa ryarataguye kuva igenekerezo rya 22 Ntwarante gushika 25 Ndamukiza uyu mwaka, rizoba ku mbunga ziryo higanwa canke abari hagati mu gihugu bacishe ibisabwa vyabo kuri Volcano.

Sultan Souleiman Uwamahoro aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe S.S.E.

Sultan Souleiman Uwamahoro aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe S.S.E yaramenyesheje ibisabwa nibi bikurikira:

1/ Afise Igitsina gore

2/ Afise ubwenegihugu bw’Uburundi Ufise n’ibikuranga

3/ Gushobora Kuvuga mururimi rw’ikirundi hamwe n’igifaransa

4/ Warahejeje nimiburiburi amashure y’isumbuye(études Secondaires)

5/ Ufise imyaka iri hagati ya 18 na 25

6/ Afise uburebure bungana n’imetero imwe n’ama centimetero mirongo itandatu na zitanu(1.65m) .

7/ Atarenza ibiro 65

8/ Atarubaka

9/Atabana afise

10/ Uwuhiganwa adakurikiranwa na mategeko.

11/ Kuvuga ikirundi n’igifaransa.

Ikintu gishasha cabonetse muriri higanwa ryuno mwaka, uwuzoba yabaye uwa 2 canke uwa 3 n’uwuzoba yatowe n’abantu benshi, bazoba bafise uburenganzira bwo gushira mu ngiro imigambi yabo ndetse no kwifadikanya n’ ayandi mashirahamwe, bitarinze guca mw’ ishirahamwe ”Miss Burundi”. Bakaba kandi batazosubira gusabwa icegeranyo c’ ivyo bakoze uko amezi atatu arangiye.

Abakobwa 3 ba mbere bazorusha abandi muriyo higanwa bazoronka: Uwa mbere bazomuha imodoka uri mu bwoko bwa Ractis , umushahara wi bihumbi  500.000 ku kwezi, iritiro 480 z’igitoro ku mwaka, kurihirwa umwaka w’ishure muri kaminuza, kumukoreshereza umuduga bishitse ugapfa, ivyo vyose ni vyo uwuzotorwa azohabwa. Nayo icegera ca mbere ni ibahasha ya 2.500.000 , uwa 2 aronke 2.000.000 hamwe nuwuzoba yakunawe kurusha abandi azotahana ibahasha ry umuliyoni n’igice (1.500.000).

Yakobo Bigirimana, Umuyobozi Mukuru ajejwe ingenzi.

Yakobo Bigirimana, umuyobozi mukuru mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ingenzi, we yamenyesheje ko ari akaryo keza ku bigeme b’ abarundikazi ko kwerekana ingabirano n’ ubwenge bwabo, kwerekana no gufasha gutorera inyishu ibibazo bihanze abigeme b’ abarundikazi batibagiye yuko rino higanwa ari akaryo ku gihugu mu kwinjiza uburyo.

Related posts

The Beatles wasohoye indirimbo hakoreshejwe ubuhinga inyuma y’imyaka 53 utakibaho

Yvan Manager

Khadja Nin ninde, yatanguye gute ubuzima bwo kuririmba?

Yvan Manager

Miss Burundi 2023: Abakobwa 11 bamaze kumenyekana bazobandanya mu gice ca nyuma.

Yvan Manager

Leave a Comment