Imyidagaduro

Prosper Bahaga yagize icavuga ku ndirimbo ”Meze neza” ya Ednaky.

Umuririmvyikazi Ednaky yarashize ahabona indirimbo yise ”Meze neza” iri mu rukurikirane rwa mbere yise ”Kuki wahindutse”. Indirimbo yiwe igira 2, zose zirafise amasanamu. Iyo ndirimbo iri mu rurimi rw’ ikirundi kuko turi mu rugamba rudasanzwe rwo kugarukira ikirundi cacu ntikigirire.

”Meze Neza” irimwo amajambo yivyamubayeko. Yavuye ku kiganiro Ednaky bayaze nuwo bahoze bubakanye ku muhora wa telefone inyuma y’igihe kirekire batavugana kumvo zuko harivyo batabona kumwe mu bijanye n’ubuzima bw’urugo. Iyo ndirimbo iri mu mudiho wa country, yakozwe n’ umuhinyanyuzi Jospino muri Bahari studio, amasanamu yakozwe na Landry SB yakorewe muri Grand Picture. Ednaky amaze kuyishira ku mbuga yiwe you tube abantu nka bose baramukeje ukuntu indirimbo ikozwe.

Ubutumwa Bahaga yanditse ahejeje kumviriza ”Meze Neza”.

Muri ndirimbo twashatse kumenya uko yakiriye kubona umuririmvyi nka Bahaga agize ico avuga kuriyo ndirimbo, Ednaky ati: ”Kubwanje vyararyoheye cane kubona umuntu twakunze twumva ashima ukuntu indirimbo ikozwe ikindi ca ntangaje nuko atari n’umugenzi wanje. Vyanyeretse ko hari abantu bazi kwumviriza indirimbo, ubutumwa burimwo, ubuhinga ikoranye, kubwanje ndatumiriye abaririmvyi bacu kuririrmba mu rurimi rwacu kugira ikirundi dushishikare tugiteze imbere mu kukiririmba. ”

Amwe mu majambo ari muriyo ndirimbo ibonekamwo nk’ imwe mu ndirimbo  z’ agahinda :  ”Buraca bugacan’ayandi Ibihe, bih’ibindi bibaho kugenda wuzuy’agahinda, bibaho kugenda wuzuy’ibikomere watewe nuwowahay’urukundo, agaheza akarutabagura ariko ubu sikobiri, vyose vyarahindutse, nsigaye nfis’uwuza’agaciro kanje.

Chorus : Sinkiri wawundi yamana akabonge, sinkiri wawundi yirirwan’amaganya, Oya sinkibabaye Eehh ubu meze neza cane.

Verse 2 : Esekuribwa n’uwutokuriye ugatuntuzwa nuwoguhojeje ahari urukundo hagasigara amaganya Iminsi yose igac’ik’umuzimiza ukary’umutim’amenyo wizeyeko buzoca ugatahira kwicwa n’intuntu n’agahinda Arik’ubu sikobiri, vyose vyarahindutse, sigaye nfis’uwuz’agaciro kanje .

Chorus : Sinkiri wawundi yamana akabonge, sinkiri wawundi yirirwan’amaganya, Oya sinkibabaye Eehh ubu meze neza cane Bridge Ntamvura idahita, Ntajoro ridaca, Ubu meze neza caneee ehhhh.

Chorus : Sinkiri wawundi yamana akabonge, sinkiri wawundi yirirwan’amaganya, Oya sinkibabaye Eehh ubu meze neza cane. ” Abipfuza kuyumviriza boyisanga kuri :https://www.youtube.com/watch?v=LPYXVRW4GF8

Umuririmvyikazi Ednaky yari mu baririmvyi bariho mu myaka yi 2008, yaririmba mu murwi S.E.Y warimwo Samovermix , Ednaky na Yaccouba bafise indirimbo yamenyekanye cane bise ”Kiradodora”.

 

 

 

 

 

 

Related posts

Dream House: Ishimwe Jassiela Tonia, yatahukanye I Phone 7+

Yvan Manager

Ubushikiranganji bwo kumenyeshamakuru bwatanze ibikoresho kubinyamakuru.

Yvan Manager

Primusic: Ikirangaminsi uko ihiganwa rizogenda riba mu gihugu cose.

Yvan Manager

Leave a Comment