Imyidagaduro

Vichou Love yagarutse avuye muri Quatar mu bikorwa yafashijwemwo na Dream House.

Umuririmvyi Vichou yatahutse avuye gukora amasanamu y’ indirimbo 2 mu gisagara ca Quatar ku mugabane wa Asiya aho yabifashijwemwo n’ishirahamwe Dream House ridandaza ibikoresho vy’ubuhinga ngurukana bumenyi (Eletronique) harimwo cane cane terefone ngendenwa. Vichou yamenyesheje insamirizi Buja FM ivyo yahugukiye harimwo gukorera kumwanya no kugira ico yise indero (Discipline)muri vyose.

May be an image of 1 person, helicopter and text
Imwe mu masanamu azoba ari mu ndirimbo yagiye gukora.

Yaramazeyo iminsi indwi bafata amasanamu y’indirimbo (Clip Video) ivyo akabivuga inyuma yo kugaruka mu gihugu ashikiriza ibitari bike yashoboye kuhakura mu gisata c’umuziki no guhura n’abantu bakamaro kuriwe kanatsinda urubanza rumwe rumara zibiri.
Umuririmvyi Vichou yagizwe uwugarariye terefone yo mu bwoko bwa Samsung (Brand Ambassande)imwe mu bidandazwa bigurishwa niryo shirahamwe Dream House, ivyo akaba arivyo vyatumye amasezerano yo gukorana nawe ashishikara kubandanya atera imbere ndetse kuri we akaba yamaze kubona ko hari akarusho. Kuruhande rwiwe, arashima kubona umuririndi abaririmvyi babarundi bariko baragira bagenda mubindi bihugu canke iyindi migabane bajanwe n’akazi kumuziki kuriwe akabonako ari impinduka nziza umuziki wabo uriko uragira mw’iterambere ry’abawukora n’abawushiramwo uburyo.

Mbega reta y’Uburundi ifasha iki abaririmvyi?

Happy Famba akurikiranira hagufi ibikorwa vya Vichou Love (Manager) kuriwe ashimira kuruhara reta y’uburundi yama yerekana kugira abaririmvyi b’abarundi bashike kure ngo naho atavyo bariko barabona kuriwe yerekana yuko babafashije kugira baronke amahera y’agaciro mubikorwa vyabo. Ashishikara yerekana yuko kugira umuririmvvyi aronke Visa biva kubintu vyinshi harimwo ubucuti igihugu abamwo gifitaniye nico gihugu agiyemwo, habamwo amahirwe y’umuntu, ivyo amaze gukora(CV), urugenzo umuririmvyi amaze gushikako n’ibindi bitandukanye. Kuriwe yerekanye ukuntu igihugu umuntu arimwo ko kitashobora kuronderera Visa umuririmvyi. Kuruhande rwa Vichou Love amenyesha yuko ivyo bikorwa avuye gukora biri mu rukurikirane rw’indirimbo (Album) azoririmba ruzoba rwitwa “Ikete” ariko amasanamu akazoboneka inyuma.

Ivyo biruko mu gihe Vichou Love ariko arategura igiteramo “One Man, One Concert, One Million” azogira igenekerezo rya 16 Ruheshi bihurirana n’umunsi w’amavuko yiwe kikazobera ku bunwero “La Pirogue” isaha cumi na zibiri ku masaha yo mu Burundi(18h) .

Related posts

Khadja Nin ninde, yatanguye gute ubuzima bwo kuririmba?

Yvan Manager

Umuririmvyi Saïdi Brazza yitavye Imana.

Yvan Manager

Drama T: ‘’ITAMPORIZE’’ indirimbo iriko ivugwako vyinshi.

Buja Media

Leave a Comment