IbigezwehoUbutunzi

Inoti ya 10.000,5.000 yakozwe kuwa 4 Munyonyo 2108, ntizoba igikora inyuma ya 17 Ruheshi 2023.

Inoti y’ibihumbi 5 niya 10 zakozwe igenekerezo rya 4 Mukakaro mu 2018 bahejeje gutanga ikiringo c’iminsi 10 kuzoba bazisubije mw’ibanki nkuru y’igihugu nkuko Dieudonné Murengerantwari umuyobozi wiyo banki yabitangaje mu kiganiro ahejeje guha ibinyamakuru kuruyu mugoroba wuno munsi igenekerezo rya 7 Ruheshi ngo ni inyuma y’aho hari haheze imisi hibonekeza ubukene bw’izo noti mu ma banki hamwe no mu ma Microfinances. Kuva iyi ngenekerezo baciye bashira ahabona izo noti nyene zakozwe  igenekerezo rya 11 Mukakaro 2022 .

Dieudonné Murengerantwari Umuyobozi Mukurru wa BRB.

Iyo nbanki nkuru yatanze iminsi cumi gusa nayo ikazohera igenekerezo rya 17 Ruheshi 2023 kubazoba bakiyafise, bakamenyesha ko ico kiringo nicamara guhera iyo banki ntizoba icakiriye ayo mahera. “Abatazoba bafise ikonte bahamagiriwe kuguruza izabo kugira bubahirize iyo ngingo, ngo ni inyuma y’aho hari haheze imisi hibonekeza ubukene bw’izo noti mu ma banki hamwe no mu ma Microfinances” Dieudonné Murengerantwari.

Murico kiganiro ku bamenyeshamakuru, bamenyesheje yuko ku minsi 10 batanze,hemerewe gushirako kwi konte y’umuntu yigenga imiriyoni 10 ku munsi no kwi konte y’ishirahamwe ayatarenga imiriyoni 30 ku munsi umwe kandi atarenga.

 

 

Related posts

Mukaza basabwa kwubaka bisunze itegeko rigenga gutunganya ibisagara ryo muri 2011.

Yvan Manager

CPI yasohoye umutahe kuri Vladimir Putin imwagiriza guhohotera agateka k’abana.

Yvan Manager

Ibiciro vy’ibitoro vya Essence na Mazout vyagabanutse, Pétrole iraduga.

Yvan Manager

Leave a Comment