Inkino

Umwihwezo wuko ihiganwa ryaringiye muri Primus League Burundi 2022-2023.

Ihiganwa rikuru ryicicaro cambere mu Burundi Primus League ryarangiye umugwi wa Bumamuru utahukanye igikombe . Imigwi ya Buja city, Athletico New Oil hamwe na Top Junior nayo ikorotse icicaro.

Muti rero vyifashe Gute?
Inyuma yiryo higanwa twihweje ukuntu ryagenze biraboneka neza yuko harimwo ubukomezi budasanzwe kumigwi yose kuko kugeza kumunsi wanyuma ntihari bwamenyekane umugwi utahukana igikombe c’ihiganwa kandi ntihari bwamenyekane imigwi ikoroka mucicaro ca kabiri.

N’ihiganwa twovuga ko ryagenze neza muri rusangi kuko ugerageje kuraba kumpande zose baragerageje kwigengesera naho atanyambo ibura agahonzi. Ikintu catangaje abantu benshi numugwi wa Athletico New oïl wo mu ntara ya Muyinga mu mwaka wa 2021-2022 wagwanira gutahukana igikombe ariko uno mwaka ukaba wariko ugwanira kudakoroka .


Uwo mugwi nyene munkino mirongo itatu (30) bakina muri Primus League izirenga mirongo ibiri(20) wazimaze mukibanza canyuma ariko biza kurangira uwo mugwi udakorotse. Umugwi w’igisagara Buja City muntango zihiganwa wari mumigwi ihabwa amahigwe yo gutahukana igikombe ariko vyarangiye ahubwo ikorotse icicaro. Biramaze kuboneka ko hano muburundi hariho ingabire mubakinyi ariko ikibazo c’uburyo kiracari intambamyi kumigwi umwimwe.
Twama twabonye aho umukinyi yigenjeje neza aca asohoka igihugu akaja mu karere canke ku mugabane wa Buraya maze ihiganwa rihura n’ intambamyi yuburyo.

Mbega kuruhande gw’abakinyi ho vyifashe Gute?

Kuruhande gw’abakinyi naho nyene twovuga ko umwimbu wagabanutse kuko ugerageje kuraba ubusatirizi bwakino gihe nubwo muminsi iheze biraboneka neza ko hari icagabanutse kuko muminsi iheze umusatirizi yarashobora kurangiza ihiganwa (Saison) afise ibitsindo bishika 30 ariko uno mwaka yafise 18 .
Ntitwovuga ko biva kubasatirizi gusa kuko ugerageje kuraba nabo nyene bisaba ko baba bafise abakinyi beza bafashanya kugira babahe iyo mipira babone gutsinda.

Uno mwaka muri Primus League Burundi, ntihari urugamba gwo gutahukana igikombe gusa kuko gushika kumunsi wa 29 umusatirizi mwiza yari Jean Claudette Girumugisha w’umurwi Magara Young Boys ariko kumunsi wanyuma umukinyi wa Bumamuru Nkurunziza Alfred wa yatsinze ibitsindo bitatu (hatrick) muri bitanu umugwi wiwe watsinze Olympic Star bica bituma afata ikibanza cambere muri Primus League Burundi 2022-2023, n’ibitsindo 18 agakurikirwa na Jean Claude Girumugisha afise 16.

Twobamenyesha ko iyo misore yose yegukira umugwi wa Aigle Noir, aho bakina ubu bari muntizanyo. Mu guheraheza,  nugushimira uruhara rw’ishirahamwe FFB kukuntu ryabaye hafi imigwi mubibazo bitandukanye ariko kandi ntiworeka gutera ivyatsi imigwi vyabonetse ko yagerageje gukora ibitajanye n’umupira w’amaguru .

Related posts

Umurundi akina muri ligue 1 mu Bufaransa.

Buja Media

Man City: Amafoto y’ibihe bikuru bikuru yagaragaje umunezero inyuma yo gutsinda Real Madrid.

Yvan Manager

Mosso Sugar ifise amahirwe ya 90% yo kuduga muri Primus Ligue Burundi.

Buja Media

Leave a Comment