Inkino

Vital’O FC: Uburongozi bwarushe.

 Uburungozi bw’umurwi wa Vital’O FC bumenyesha yuko bwarushe kandi badashobora kubandanya kumvo zuko ikirango c’uwutwara uwo murwi Evariste Mukurarinda kizoba caragiye ivyo vyashikirijwe mu nama ya bose, mu vyo barabiye hamwe kandi harimwo ibijanye n’ukuntu umurwi wifashe muri kino gihe. Iyo nama ya bose yabaye barikumwe n’abakunzi buwo murwi kuruyu w’ Imana igenekerezo rya 26 Ntwarante 2023.
Uburongozi bwa Vital’O FC (Isanamu ya kera).
Muriyo nama hari hitavye indongozi n’ abakunzi bawo mu vyo barabiye hamwe hari kubijanye n’ inkino umaze gukina. Kugera kuruyu mwanya, Vital’O uri mu kibanza ca 4 n’ amanota 43, ubitse ibitsindo 10. Bamwe mu bakunzi buwo murwi baridogera cane kumwimbu bariko bararonka kuko bari biteze yuko ishobora gutwara igikombe c’uno mwaka 2022 gishira 2023 ariko uwutwara umurwi abakurira inkoni ku gishitsi yuko atabona ko bizoshoboka afatiye ukuntu ihiganwa rimeze hamwe n’imirwi iri mu bibanza vyambere.
Kuvyereke ibiringo vyo gutwara uwo murwi, Evariste Mukurarinda yiteguye gutanga umurwi kubera yarushe ati : “Nanje ndarushe. Ndi murwego shingwabikorwa kuva mu 2007, ndikumwe na Bahama. Sishobora kugaruka ikiringo canje kirangiye“.
Umurwi wa Vital’O ukina na Flambeau du Centre.
Ni mugihe amategeko ngenderwako yemera gutwara ibiringo 2 gusa. Kuva mukwezi kwa kane, uburaro abakinyi babayemwo bazoba bataguye kwinjira mu kiringo co gusubiza inzu nkuko vyashikirijwe n’uwutwara umurwi.

Related posts

Abanonotsi batwara amakinga bariko bazuguruka ibihugu biri muri kano karere ka EAC.

Yvan Manager

Afrika: Paul Kagame na Mohamed VI bahawe agashimwe nkaba Prezida bitayeho cane inkino.

Yvan Manager

Handball: ‘’Dusavye abarwizatunga na reta bazodushigikire mu buryo’’.

Buja Media

Leave a Comment