Indero

Ihiganwa ryo kwandika igitabo ku ncuro ya mbere, rizotunganwa n’uruganda rwo gusoma ibitabo.

Uruganda rwo gusoma ibitabo Editions Gusoma ruzotunganya ihiganwa ku ncuro yayo ya 1 kuwuzokwandika igitabu kizoba kigizwe n’impapuro 10 ciza akazoronka imiriyoni 500 z’amarundi nkuko vyashikirijwe na Ahishakiye Napoléon arongoye urwo ruganda abivuga, rifise intumbero yo gukundisha Abarundi kwandika hamwe no gufasha gushira ahabona abasanzwe bafise iyo ngabire.

Nk’uko yabibwiye Buja FM, ngo iryo higanwa rigamije kandi guteza imbere imico n’akaranga vy’Uburundi, ivyo bizotuma baronka aho kwerekanira impano bafise cane cane mu vyo kwandika kuko benshi bamenyereye bandika ibitabu vyo kwishure gusa canke abandi na bo bakanka kwandika kuko bataronka aho babimenyekanishiriza.

Napoléon AHISHAKIYE, yamenyesheje ko ihiganwa ko ryuguririwe bose ,abato ,abakuze ndetse n’Abarundi bari mu mahanga. Nayo uwuzohiganwa ategerezwa ngo afise amahitamwo yo kuzokwandika mu gifaransa canke mu kirundi nayo indome zikazoba ziri kurugero rungana na 12 . Ico mwomenya, ni uko ico gitabo kizorungikwa ku buhinga bwa none.

Mwomenya ko ubushimwe ku bitabu bizoba vyarushije ibindi bukazotangwa kw’igenekerezo rya 14 Kigarama 2023.

Related posts

Umwigeme atwaye imbanyi akwiye gukumirwa canke gufashwa?

Yvan Manager

Gitega: Ntamunyeshure agisubira guheba ishure.

Yvan Manager

UE BAZOTANGA 20.000.000€ MU GISATA C’INYIGISHO SHINGIRO.

Buja Media

Leave a Comment