Inkino

HANDABALL U19: Uburundi buri mw’itsinda H mu gikombe c’isi yose.

Mu gikombe c’isi yose kizobera muri Crotie igenekerezo rya 02 gushika 13 Myandagaro 2023,Uburundi bubaye ubwa mbere bwitabiriye igikombe c’isi,babushize mw’itsinda H mw’ihiganwa ryabatarenza imyaka 19, burikumwe na Sweden, îles féroé na Iran.

Umurwi serukiragihugu wa Handball w’ abatarenza imyaka18.

Icagura rihejeje kuba ubunyene rihagarikiwe Patrick Strub umuyobozi ajejwe ivy’inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Handaball kw’isi yose. Iryo higanwa ry’igikombe  c’isi yose rizokwitabirwa n’ibihugu 32 mu gihe hahora hitaba imirwi 24.Uburundi bwaronse amahirwe rwo kuja murico gikombe c’isi yose inyuma yo gutsinda igihugu ca Algerie.

Umukuru w’Igihugu abakira mu biro iwe.

Mwomenya ko inyuma yo kuronka ubwo burenganzira, bakiriwe n’umukuru w’igihugu abemerera kuzobafasha muvyo bazoba bakeneye bitabirira ico gikombe c’isi yose.

Related posts

Afrika: Paul Kagame na Mohamed VI bahawe agashimwe nkaba Prezida bitayeho cane inkino.

Yvan Manager

Intamba mu rugamba zanganije na Indonésie.

Yvan Manager

Rally: Prime Uwikunda na Prince Basabose batahukanye ihiganwa ”Boucles de l’Imbo”.

Yvan Manager

1 comment

Michael March 3, 2023 at 4:21 pm

Great.

Reply

Leave a Comment