Ubutunzi

Umwiherero Umukuru w’Igihugu yagiranye n’abadandaza bakuru b’isukari.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi c’uburundi Evariste Ndayishimiye, yakoranije kuri uyu wakane igenekererezo rya 31/8/2023 mu ntara ya Gitega abadandaza bakuru b’isukari bishikira kuyirangura mw’ihinguriro ryayo Sosumo, mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’isukari kiraje ishinga abarundi. Nimubona Jean Claude, umushingamateka yatowe mu ntara ya Muramvya , avugako Sosumo ikwiye gukora yunguka kuko umutahe ungana 99% Leta yashizemwo ngo ntanyungu iriko iraboneka. Ikibabaje ngo ni uko n’imirima y’ibikaju irarara kandi isukari ikenye.
Image
E.Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi aganira n’abadandaza. (Ifoto Ntare House)
Nkuko iyi mkuru tuyikesha urubuga rw’intara ya Gitega, Umukuru w’igihugu yamenyeshejeko irya sukari ya Sosumo ari iyabenegihugu; amahinguriro akenera isukari ngo naje kuyirangura hanze gutyo abenegihugu bareke kurwa mu mporero. Ngo agiye gukora ibishoboka vyose kugira abo bononera abandi bahanwe.
Peut être une image de 3 personnes, estrade et texte
Nimubona Jean Claude, umushingamateka yatowe mu ntara ya Muramvya.
Nimubona Jean Claude, avugako isukari itoni 36 900 ariyo uwu mwaka izohabwa abenegihugu aho Sosumo itegekanya kwimbura itoni 21 900, hagurwe hanze itoni 15 000. Avugako intwaro ikwiye gufata iyambere mu kuyicungera kuko akenshi iyishorwa mubinywabi intwaro ibifisemwo uruhara.
Image
Emmanuel Ntaconsanze Buramatari wa Ngozi.
Umukuru w’igihugu yamenyeshejeko indongozi zo mu ntara ya Ngozi zitegerezwa guhanwa ku kibazo c’itoni 15 z’isukari yazimiye yari guhabwa abenegihugu. Buramatari we asigurako ishirahamwe Sosumo riyimuhaye kubera ari nke yayihaye abadandaza 3 nabo ntibayiha abenegihugu.
Evariste Ndayishimiye avugako amanyanga abera mu rudandazwa rw’isukari abwirizwa guhagarara. Yamenyeshejeko uwuzofatanwa isukari ariko arayidandaza atishikira muri Sosumo azohanwa biboneka. Baburamatari ngo bategerezwa kumenyeshwa isukari yashitse mu ntara n’uko iriko iraherezwa abenegihugu.Image
Umukuru w’Igihugu yategetse umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Sosumo gukora berekana umwimbu. Ibikaju vyose biri mu murima ngo yohingurwa atanumwe uvuyemwo uyu mwaka. Kubatora isukari muri Sosumo 817, 570 nibo bitavye ikoraniro, uretse abarwaye, abasivye yabasavye gukurwa ku rutonde.

Related posts

“Abadandariza ngo barasiguriwe ibijanye n’ibiciro bishasha” Carine Kamikazi

Yvan Manager

Abenegihugu bo hagati mu gihugu bataguye gutwara inoti guhiduza kuma zone.

Yvan Manager

N.Gervais ahamagarira abenegihugu kubika amahera muri Twikangure Microfinance, bakayakura mu mazu.

Yvan Manager

Leave a Comment