Politike

Intara zigize Gitega nshasha, zakoreye ibikorwa rusangi hamwe.

Abenegihugu bagize intara ya Gitega bo mu ntara zine harimwo Gitega,Mwaro, Muramvya hamwe na Karusi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 02 Nyakanga uyu mwaka barakoreye, bahuriye i Mwaro mu bikorwa rusangi vyo gushomba amabuye bayajana ahazubakwa Stade Olympique Gasumo ka Mwaro. Ivyo bikorwa vyakozwe mu numbero yo gutegura kuja hamwe, gufashanya mw’iterambere ry’abenegihugu bose bazoba bagize iyo ntara. Vyatewe iteka na Denise Ndadaye, icegera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba n’imvukira ya Mwaro.

Afatiye ku civugo c’Umukuru w’Igihugu“Turikumwe birashoboka” buramatari w’intara ya Mwaro, Col Gasanzwe Gaspard ati: “Twipfuzako iki kibuga coza ari ikibuga gitera iteka Uburundi ndetse n’amakungu aho cubatswe n’ahakirurutse” Yahamagariye abanyamwaro baba imvukira, abahaba, incuti abagenzi ndetse n’abaheze hanze y’igihugu, gutaha bakubaka Mwaro, intara ya Gitega n’igihugu.
Peut être une image de 5 personnes, plante, stade, parc et texte
Buramatari wa Gitega aramukanya nuwa Mwaro(Foto Intara ya Gitega).
Venant Manirambona buramatari w’intara ya Gitega nawe arashima ico gikorwa akavugako kizofasha kumenyana no gushira hamwe ivyiyumviro bizoteza imbere iyo ntara nshasha ya Gitega kugira uwuzoyirongora azobe afise umushinge aherako. Abasaba kugira umutima umwe w’urukundo no kugira urunani kuko ngo abakundanye bashika kure nkuko iyi nkuru tuyikesha ibiro vy’intara ya Gitega.
Peut être une image de 3 personnes, personnes souriantes et texte
Denise Ndadaye, Icegera c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Denise Ndadaye, icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka akaba n’imvukira ya Mwaro, yasavye abagize izo ntara zitatu gukora bivuye inyuma mu kwubaka intara nziza nshasha ya Gitega, guhana hana ubumenyi kubijanye n’ibiterwa biba aha na hariya, abasaba kandi gutsimbataza indero banafatiye akarorero ku ntara ya Karusi yama itwara ikibanza ca mbere. Yasavye abavyeyi kugarukira indero nziza mu gukora ibishoboka kugira inda z’indaro zihere burundu. Abacamanza yabasavye gukora bubahiriza amategeko.
Izo ntara 3 zagendeye intara ya Mwaro zagiye zitwaje agakemanyi kagizwe n’amalitiro 1500 y’igitoro, azokoreshwa mubijanye no gutaba ikibanza muri iki gihe baza bamaze kuzana itingatinga.

Related posts

IBIHUGU VY’AFRIKA BIKOMEZA IMIGENDERANIRE MU VY’UBUHINGA.

Buja Media

Abatowe gutwara intara 5 zishasha mu mugambwe CNDD-FDD.

Yvan Manager

Kenya: Abantu 238 bahagaritswe,abapolisi 31 barakomereka mu migumuko.

Yvan Manager

Leave a Comment