Mumahanga

Ubutegetsi bwa Niger bwategetse gukoresha inguvu kugira bwirukanwe ambasaderi w’Ubufaransa.

Uwuserukira Ubufaransa mu gihugu ca Niger yirukanwe ubutarariye n’umurwi w’abasirikare bafashe ku nguvu ubutegetsi muri Niger biciye mw’itangazo basohoye bategeka igipolisi kwirukana Ambasaderi Sylvain Itte, bavuga ko atagikingiwe biciye muri diplomasi kandi ko impapuro ziha uburenganzira bwo kuba muri Niger umuryango wiwe, n’izindi karata za diplomasi zose, Niger yazisubije. Bamwirukanye inyuma yo kumuha amasaha 48 ariko nyanka gutaha. Aho bigeze gushika iki gihe nuko gipolisi c’igihugu ca Niger cahawe amabwirizwa yo gukoresha inguvu mu gusohora ku nguvu Sylvain Itté yaserukira i Niamey igihugu c’ubufaransa.

Peut être une image de texte qui dit ’REPU BLIQUE DU NIGER AFFAIRES de Ministère Affaires Etrangères, Coopération des Nigériens l'Extérieur République Niger presente compliments Ministere l'Europe des Affaires République reponse note verbale 26 août l'honneur de que question est terme l'agrément de Par conséquent, délai 2023, plus membre personnel diplomatique l'intéressé des membres quarante huit heures (48h) expiré compter 28 privilèges immunités attachés son statut de l'Ambassade. diplomatiques esvisas annules. services police sont instruits Le l'Extérieur l'Europe des Affaires Etrangères, de Coopération et des Nigériens République Niger cette occasion pour renouveler au Ministère de Eicangères République Française les assurances de haute REPUBLIQUEFRANCAISE PARIS Niamey AOUT 2023’

Mw’ikete ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Niger bwarungikiye ubw’imigenderanire bw’Ubufaransa, bwabamenyesheje ko inyuma y’igihe ntarengwa c’amasaha 48 yari yahawe kugira ngo akinjure maze igihugu c’Ubufaransa kikanka kumukurayo ko atagifise uburenganzira bukingira umu diplomate kandi ko bwasavye inzego z’umutekano ko avanwayo ku nguvu.

Portrait de Catherine Colonna
Catherine Colonna Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, yamenyesheje yuko ata ruhusha bafise bwo kwirukana uwo mutegetsi ku butaka bwa Nijeri. “Ubufaransa buriko bukurikiranira hagufi umutekano wa ambasade yabwo muri Nijeri”.

Peut être une image de 2 personnes et texte qui dit ’RT Niger les militaires ont ordonné à la police de procéder à l'expulsion de l'ambassadeur de France Les militaires au pouvoir au Niger ont indiqué à Paris avoir «instruit» les services de police de la nécessité de procéder à l'expulsion de l'ambassadeur français à Niamey. 117 15:59’

Ambasaderi Sylvain Itte basubiye kumwirukana inyuma y’uko mu ndwi iheze bari bamuhaye amasaha 48 yo kuba yavuye muri ico gihugu, ariko ntiyahava. Igihe yihoza ako kamo, Emmanuel Macron yamushigikiye avuga ko Ubufaransa butemera abatembagaje ubutegetsi nk’indongozi za Niger.

Une patrouille de la police nationale du Niger passe devant l'ambassade de France à Niamey le 28 août 2023.
Umuduga w’igiporisi ca Niger uciye imbere y’ Ubuserukizi bw’ Ubufaransa.

Mwomenya yuko Ubufaransa bufise abasirikare bagera ku 1500 bari muri Nijeri gufasha kurwanya imirwi y’iterabwoba itandukanye irimwo uw’abajihaditse ukomoka kuri Al Qaeda intagondwa ziyitirira idini rya kisilamu.

Related posts

Uganda: Abishe bamukerarugendo 2 bagiye gukurikiranwa bikomeye.

Yvan Manager

Abanya Gaza bariko bahunga baca ku mupaka Rafah baja muri Misiri.

Yvan Manager

Moise Katumbi agiye kwitoza nk’uwuserukira iyindi migambwe yabatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Yvan Manager

Leave a Comment