Mumahanga

Prigozhin umukuru w’ingabo za Wagner bamushinguye.

Umukuru w’Abacangero Wagner Yevgeny Prigozhin b’Abarusiya, bamusezeye irya nyuma kuruyu wa kabiri ku masaha yo ku mugoroba mu masaha yo mu gihugu c’uburusiya nkuko ibinyamakuru vyaho bibivuga. Ico gikorwa abakibonye bavuga yuko kitari ku rwego rwa reta mu gidagara ca St Petersburg, nkuko vyavuzwe n’urwego rwo gutanga makuruĀ  yarisazwe atwara.

Abajejwe gutanga amakuru babicishije kurubuga rwa Telegram, bamenyesheje yuko yashinguwe mu gisagara asazwe avukamwo kandi ko abantu bose bari bipfuza gusezera imva yiwe iri mu gace ka Porokhovskoe atakibazo cahabaye

Ibinyamakuru bitandukanye vyashishikaye bivuga uko biriko biragendaĀ  nk’akarorero urubuga rw’amakuru MSK1 rwo mu Burusiya rwasubiyemo amajambo y’abari aho bamusezera irya nyuma bavuga kico gikorwa co kumushingura cabaye ku wa kabiri hafi isaha cumi z’umugoroba (16h:00) ku isaha yo mu Burusiya.ati: “Nkuko benewabo na Prigozhin bavyifuje”.

Urubuga MSK1 rwanatangaje ko Prigozhin yashinguwe iruhande y’imva ya se, ko ibendera rya Wagner ry’amabara y’irabura, umuhondo n’iritukura, ryari murico kibanza.Ikinyamakuru Fontanka ci St Petersburg catangaje ko uburyo bwo gushiraho ivyuma (metal detectors) bwari bwashizwe ku muryango w’imva, mu gihe abategetsi bikeka ko hari abantu benshi barikuja ku mva ya Prigozhin.

Wagner Group
Prigozhin arikumwe n’abagize igisirikare Wagner.

Mwomenya yuko Prigozhin ari mu ntwazangabo yarwanye urugamba rwā€™ Uburusiya muri TchĆ©tchĆ©nie/Chechnya azwi ko ari we yatanguye kuba umukomanda wayo, kandi ko ari we yayihaye izina mu kuyitirira izina ryā€™ijwi ryā€™iradiyo yiwe yo gutumatumanako (radio call sign).

Related posts

Abasirikare b’Ubufaransa bazotagura kuva muri Niger muriyi ndwi.

Yvan Manager

Kenya: Abantu 35 bashizwe ahabona bakekwa gukorana n’imirwi y’iterabwoba.

Yvan Manager

RDC: Abatavuga rumwe na reta bafise amakenga kā€™uwurongoye umurwi wā€™amatora nā€™uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.

Yvan Manager

Leave a Comment