IbigezwehoMumahanga

Tanzaniya: Ugusubiza hamwe kw’abatavuga rumwe na reta nivyo Samia Saluhu yubakiyeko.

Samia Saluhu Hassan w’ Umukuru w’ Igihugu ca Tanzaniya akaba n’umukenyezi yitavye ubutumire bw’umugambwe Chadema (Chama cha Demokarasia na Maendeleo) utavuga rumwe na reta mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Vyabaye irya mbere kuva ico gihugu kibayeho, vyabereye mu ntara ya Kilimandjaro. Freeman Mbowe atwara uwo mugambwe yarashimishijwe n’ intumbero yo gusubiza hamwe Samia saluhu yerekanye.

Umukuru w’Igihugu, Samia Saluhu ashikiriza ijambo murivyo birori.

Samia Saluhu mw’ ijambo yabwiye insinzi ry’ abantu, yarerekanye intambwe zikibandanya bamaze gushikako mu gusubiza hamwe arivyo poritike ya Tanzaniya yubakiyeko harimwo kurondera ibwirizwashingiro rishasha, abo mu mugambwe wiwe hari abatari bavyiteguriye gushobora gutanguza uwo mugambi wo gusubiza hamwe n’abatavuga rumwe na reta arongoye ati :”Harabaye impari nyinshi aha na hariya, kandi no ku ruhande rw’abatavuga rumwe naho nyene kwabaye nk’uko, rero impande zompi zifise abantu bazo batishimiye iyi ntambwe yo gusubiza hamwe muri poritike”.

Perezida Samia yahawe agashimwe kitiriwe kunywanisha nk’ikimenyetso co gushima uruhara rwiwe mu guhagararira no kurangura ibintu bitandukanye bijanye no kunywanisha reta n’imigambwe hamwe no gutsimbataza amahoro mu gihugu. Yagahawe n’ihuriro ry’abakenyezi bo muri CHADEMA. Yagashikirijwe na Freeman Mbowe arongoye uwo mugambwe.

Abakurikiranira  hagufi amakuru yo murico gihugu babona yuko iyo ngingo iri murukurikirane rw’imibonano iheruka kuba hagati y’Umukuru w’Igihugu hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi CCM bagiranye imibonano yo mw’ibanga hamwe n’ abatavuga rumwe na reta.Umukuru w’igihugu, Samia yishuye ko ikijanye n’ ibwirizwa shingiro ata n’ umwe agihakana haba no mu mugambwe iwe. Ati: “mu minsi mike cane tuzoshira ahabona umurwi uzogikurikirana”.

Abakenyezi bari mu mugambwe CHADEMA.

Ikindi cizere kiboneka cuko umugambi wo gusubiza hamwe wari waratanguye bafatiye ku ngingo yakuyeko itegeko ryari rimaze imyaka itandatu ribuza abatavuga rumwe na reta kugira amakoraniro mu gihe kitari ic’ amatora. Iryo tegeko ryari ryarashizweho n’uwamubanjirije, umuhisi Prezida John Pombe Magufuli, aho yavuga yuko amakoraniro nk’ ayo mu gihe kitari ic’ amatora ari ugutakaza umwanya no kwonona amafaranga. Ariko abatavuga rumwe na reta n’ abaharanira agateka bararyiyamirije bavuga ko riteye kubiri n’ ibwirizwa shingiro.

Umupfasoni Samia Suluhu ni we mukuru w’ igihugu ca Tanzania wa mbere w’ umugore, akaba yashikirijwe aya mabanga inyuma y’urupfu rwa Perezida John Magufuli mu 2021.

Related posts

Prigozhin umukuru w’ingabo za Wagner bamushinguye.

Yvan Manager

Patrick Kanianga asaba ikigongwe, inyuma yo kwirukanwa mu mw’ iherero w’Intamba mu Rugamba.

Yvan Manager

Yevgeny Prigozhin yoba yitavye Imana?

Yvan Manager

Leave a Comment